Yohana 12
12
Yesu asīgirwa amavuta i Betaniya
1 #
Yoh 11:1, 43. Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho Lazaro yaba, umwe Yesu yazuye mu bapfuye.#Mat 26:6-13; Mrk 14:3-9. 2#Luk 10:40.Barahamuzimanira; Marita yarahereza, kandi na Lazaro yar’ umwe wo mu bicaranye na we basangira. 3#Luk 7:38.Maze Mariya yābīra ingero y’amavuta atāmirana y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada, ayasīga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kand’ inzu yose itāmiranamw’ ayo mavuta. 4Ariko Yuda Isikaryota, umwe mu bigishwa biwe, uwagira az’ amugure, aravuga, 5ati N’iki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabge aboro? 6#Luk 8:3.Arikw ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, n’uko yar’ umwivyi, agendana umupfuko, agasotōra ku bibītswemwo. 7Yesu aramubgira, ati N’umureke, kukw ivyo yabibīkiye umusi wo guhambga kwanje. 8#Gus 15:11.Aboro murāmana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.
9Ishengero ryinshi ry’Abayuda rimenye kw ari ho ari, baraza, mugabo ntihāri kubga Yesu gusa, ariko kwār’ ukugira ngo barābe na Lazaro yazuye mu bapfuye. 10Arikw abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we, 11kuko kubgiwe Abayuda benshi bābavako bakizera Yesu.
Yesu ashika i Yerusalemu ari ku nyana y’indogoba
12 #
Mat 21:1-11; Mrk 11:1-10; Luk 19:29-40. Bukeye bg’aho, ishengero ryinshi ryari ryaje i Yerusalemu mur’ iyo misi mikuru, bumvise ko Yesu azayo, 13#Zab 118:25, 26.bābīra amashami y’ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera, bati Hoziyana: hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, ni we Mwami w’Abisirayeli. 14#Zek 9:9.Kandi Yesu abonye inyana y’indogoba, ayicarako, nk’uko handitswe, 15ngo Nta co utinya, mukobga w’i Siyoni, rāba, Umwami wawe araje, ari ku nyana y’indogoba. 16#Yoh 7:39.Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubga mbere, ariko Yesu amaze guhabga ubgiza bgiwe, ni ho bibutse kw ivyo yavyandikiwe, kandi kw ari vyo bāmugiriye.
17Nuko rya shengero rimushingira intahe, rimwe ryari kumwe na we hamwe yahamagara Lazaro ngw ave mu mva, akamuzura mu bapfuye. 18Kandi ni co catumye ishengero rimusanganira, kuko bumvise ko yakoze ico kimenyetso. 19#Yoh 11:48.Arikw Abafarisayo bavugana muri bo, bati Murabona kw ata co mumaze: rāba isi yose yamukondoreye inyuma.
Abagiriki bagomba kurāba Yesu
20 #
Yoh 7:35; 11:55. Hār’ Abagiriki bamwe, mu bādūze gusenga mu misi mikuru, 21#Yoh 1:44; Luk 19:3; 23:8.bashikīra Filipo w’i Betsayida i Galilaya, baramwinginga, bati Mugenzi, turagomba kurāba Yesu. 22Filipo araza abibarira Andereya; Andereya na Filipo baraza babibarira Yesu. 23Yesu arabishura, at’ Igihe kirageze c’uk’ Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe. 24#Rom 14:9; 1 Kor 15:36.N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Iy’ agatete k’ingano kataguye mw ivu ngo gapfe, kaguma uko kari konyene; arikw iyo gapfuye, gahunda impeke nyinshi. 25#Mat 10:39; Luk 14:26; 17:33.Ūkunda ubugingo bgiwe azobubura, arik’ uwanka ubugingo bgiwe mur’ iyi si azobuzigama gushitsa ku bugingo budashira. 26#Yoh 14:3; 17:24.Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.
27 #
Zab 6:3; 42:5; Mat 26:38. Umushaha wanje urahagaze: none mvuge iki? Ngire nti Data, n’unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike mur’ iki gihe. 28#Yoh 1:51; 5:37; Mat 3:17; 17:5.Data, shimagiza izina ryawe. Maz’ ijwi riva mw ijuru, riti Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza. 29#Luk 22:43.Ishengero rihagazeho rivyumvise, riti N’umuturagaro. Abandi bati N’umumarayika avuganye na we. 30#Yoh 11:42.Yesu arabishura, at’ Iryo jwi ntirije kubganje, ariko rije kubganyu. 31#Yoh 14:30; 16:11; Luk 10:18.Non’ ubu iyi si iciriwekw iteka, non’ ubu umutware w’iyi si agira ahindirwe hanze. 32#Yoh 8:28.Nanje ni namanikwa hejuru y’isi, nzokwikwegerako bose. 33Avuga ivyo ar’ukubamenyesha urupfu agira apfe. 34#Zab 110:4; Yes 9:7; Dan 7:14.Ishengero riramwishura, riti Twebge twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohorah’ ibihe bidashira. Non’ uvuze ute ng’ Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa? Mbeg’ uwo Mwana w’umuntu ni nde? 35#Yoh 8:12; 9:5; 11:10.Yesu arababgira, ati Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebge: ni mugende mugifise umuco, umwiza woye kubīriranirako. Ūgenda mu mwiza ntamenya iy’ aja. 36#Ef 5:8; Mat 23:39.Mugifise umuco, mwizere umuco, ngo mube abana b’umuco.
Abatizeye Yesu
Yesu amaze kuvuga ivyo, arīgīra, arabīhisha. 37Ariko naho yakoreye ibimenyetso bingaho imbere yabo, ntibārushe bamwizera, 38ngw ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike,
ngo, Mwami, ni nde yizeye ico twumvise?
Kand’ ukuboko kw’Uhoraho kwahishuriwe nde?#Yes 53:1; Rom 10:16.
39Ni co catumye badashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye kuvuga,
40 #
Yes 6:9, 10; Mat 13:14, 15. ati Yabahumye amaso, yabakomantaje imitima,
Kugira ngo boye kubonesha amaso, no gutahurisha imitima,
No guhindukira,
Ngo mbakize.
41 #
Yes 6:1. Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubgiza bgiwe, kandi ni we yavuzeko. 42#Yoh 7:48; 9:22.Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi, 43#Yoh 5:44.kuko bākunda icubahiro c’abantu kukirutisha icubahiro c’Imana.
Icazanye Yesu mw isi
44 #
Mat 10:40. Yesu arasemerera, at’ Ūnyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye: 45#Yoh 14:9.ūmbonye aba abonye uwantumye. 46#Yoh 8:12; 12:35.Naje mw isi nd’ umuco, kugira ng’ ūnyizera wese ntaz’ agume mu mwiza. 47#Yoh 3:17; 8:15; Luk 9:56.Ariko ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucirakw iteka; kuko ntāzanywe no gucirakw iteka isi, ariko nazanywe no gukiza isi. 48#Heb 4:12; Ivyah 19:15.Arik’ ūngaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n’ikizomutsindisha: ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w’umuhero. 49Kukw ivyo ntabivuze mvyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n’ivyo nkwiye gusigura. 50#Yoh 8:26, 28.Kandi ndazi yukw ivyo yageze ar’ ubugingo budashira. Nukw ivyo mvuga, mbivuga nk’uko Data yambariye.
Цяпер абрана:
Yohana 12: RUN1967
Пазнака
Падзяліцца
Капіяваць
Хочаце, каб вашыя адзнакі былі захаваны на ўсіх вашых прыладах? Зарэгіструйцеся або ўвайдзіце
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: