Hanyuma y’ivyo, inabuja agomwa Yosefu, aramubgira, ati Ngo turyamane. Maz’ ariyankira, yishura inabuja, at’ Erega databuja nta co yibazako ku vyo ngaba vyo mu rugo, mbere yanjeje ivy’ afise vyose; nta wunduta mur’ uru rugo, kandi nta co yisigarije ngw akinyime atari wewe, kuk’ ur’ umugore wiwe: none noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?