1
Mariko 10:45
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanywe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”
Compare
Explore Mariko 10:45
2
Mariko 10:27
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: “Ku bantu, ntibishoboka. Ariko ku Mana, vyose birashoboka.”
Explore Mariko 10:27
3
Mariko 10:52
Yesu aravuga ati: “Igire, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene aca arahumuka, akurikira Yesu.
Explore Mariko 10:52
4
Mariko 10:9
None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”
Explore Mariko 10:9
5
Mariko 10:21
Yesu aramuraba yumva aramukunze. Aramubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe abakene; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru, hanyuma uze unkurikire.”
Explore Mariko 10:21
6
Mariko 10:51
Yesu arayibaza ati: “Ushaka ko ngukorera iki?” Na yo iti: “Mwigisha, ndashaka guhumuka.”
Explore Mariko 10:51
7
Mariko 10:43
Uko si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Uwushaka kuba umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umukozi wanyu
Explore Mariko 10:43
8
Mariko 10:15
Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”
Explore Mariko 10:15
9
Mariko 10:31
Kandi benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo babe ab’imbere.”
Explore Mariko 10:31
10
Mariko 10:6-8
Ariko Imana yaremye ‘umugabo n’umugore kuva mu ntango y’irema.’ ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe, maze bakaba umubiri umwe’; kuko baba batakiri babiri, ahubwo baba babaye umwe.
Explore Mariko 10:6-8
Home
Bible
Plans
Videos