1
Mariko 8:35
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe, azobubura. Ariko uwubuheba ku bwanje no ku bw’Ubutumwa Bwiza, azobukiza.
Compare
Explore Mariko 8:35
2
Mariko 8:36
Mbega vyomarira iki umuntu kugira ubutunzi bw’isi yose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe?
Explore Mariko 8:36
3
Mariko 8:34
Nuko Yesu ahamagara rya sinzi ry’abantu benshi bari hafi ngo begere abigishwa, arababwira ati: “Uwushaka kuba umwigishwa wanje wese, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba akankurikira.
Explore Mariko 8:34
4
Mariko 8:37-38
Mbega ni ikihe kintu c’agaciro umuntu yotanga kugira ngo acungure ubugingo bwiwe? Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera.”
Explore Mariko 8:37-38
5
Mariko 8:29
Arababaza ati: “None mweho muvuga ko ndi nde?” Petero arishura ati: “Uri Kristo.”
Explore Mariko 8:29
Home
Bible
Plans
Videos