Yohana 13
13
Yesu yoza ibirenge vy’abigishwa
1 #
Yoh 7:30; 8:20; 15:13; Gal 2:20; 1 Yoh 3:16. Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero. 2#Luk 22:3.Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni, 3#Yoh 3:35; 16:28; 17:2.Yesu yar’ azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi kw agira asubire ku Mana, 4#Mat 11:29; 20:28; Luk 12:37.ava hasi mw irīro, akūra umutamana, yābīra icambazo, arakenyera; 5araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa, no kubihanaguza icambazo akenyeje. 6#1 Pet 5:3.Nukw ashika kuri Simoni Petero, na we aramubaza, ati Mugenzi, ni wewe unyoza ibirenge? 7Yesu aramwishura, at’ Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’ uzokimenya hanyuma. 8#Yoh 13:12.Petero aramubgira, ati Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose. Yesu aramwishura, ati Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhūriye. 9Simoni Petero aramubgira, ati Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, arik’ ushikane ku maboko no ku mutwe. 10#Yoh 15:3.Yesu aramubgira, at’ Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atar’ ukwoga ibirenge, kukw aba akeye umubiri wose: namwe murakeye, ariko si mwese. 11#Yoh 6:64, 70, 71.Kuko yar’ azi ūzomugura uw’ ari we; ni co catumye avuga, ati Ntimukeye mwese.
12Nukw ahejeje kubōza ibirenge, yābīra umutamana wiwe, yongera kwicara; arababaza, ati Mbega muramenye ico mbagiriye? 13#Mat 23:8, 10.Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kukw ari ko ndi. 14#Luk 22:27; 1 Tim 5:10.Nuko rero, ko jewe mbogeje ibirenge, ndi Shobuja n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. 15#Flp 2:5; Kol 3:13; 1 Pet 2:21.Kuko mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira. 16#Mat 10:24.N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umushumba ntaruta shebuja, kandi n’intumwa ntiruta uwayitumye. 17#Mat 7:24; Yak 1:25.Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora. 18#Zab 41:9.Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere. 19#Yoh 14:29.Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngw aho bizobera, muze mwizere ko ndi we. 20#Mat 10:40.N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwākīra uwo nzotuma azoba anyakiriye, kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye.
Yuda yisobanura mu bandi
21 #
Yoh 12:27. Yesu avuze ivyo, ahagarika umutima, abivuga avyataguye, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umwe muri mwebge agira angure.#Mat 26:21-25; Mrk 14:18-21; Luk 22:21-23. 22Abigishwa bararābana, bazazaniwe uwo avuze uw’ ari we. 23#Yoh 19:26; 20:2; 21:7, 20.Hārih’ umwe mu bigishwa biwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko bararya, umwe Yesu yakunda. 24Simoni Petero amuvunira akagohe, ati Tubgire uwo avuze uw’ ari we. 25Uyo rero ahengamira inyuma, uko yari hano nyene mu gikiriza ca Yesu, aramubaza, ati Ni nde ga Mugenzi? 26Yesu aramwishura, at’ Uwo nkorezamw’ intore, nkayimuha, azoba ari we. Akojejemw’ intore, arayikūramwo, ayihereza Yuda, mwene Simoni Isikaryota. 27#Yoh 13:2.Hanyuma y’iyo ntore, Satani aca yinjira muri we. Nuko Yesu aramubarira, at’ Ico ukora, gikore n’ingoga. 28Ariko mur’ abo bicaranye nta n’umwe yamenye ico abimubgiriye. 29#Yoh 12:6.Ariko kuko Yuda ari we yar’ afise umupfuko, bamwe bāgize ngo Yesu yamubgiye, ngo Gura ibizodukwira ku musi mukuru, canke ngw agire ico aha aboro. 30Na we amaze kwābīra intore, aca asohoka ako kanya: kandi hāri mw ijoro.
Icagezwe gisha
31Nukw amaze gusohoka, Yesu aravuga, ati Noneh’ Umwana w’umuntu arashimagijwe, kand’ Imana ishimagirijwe muri we. 32#Yoh 12:23; 17:1-5.Kand’ Imana, kw ishimagirijwe muri we, na yo izomushimagiriza muri yo, kand’ izomushimagiza vuba. 33#Yoh 7:33; 8:21.Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk’uko nabgiye Abayuda, nt’ Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababgira namwe. 34#Yoh 15:12, 13, 17; 1 Yoh 2:8, 10.Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. 35Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’ abigishwa banje.
Yesu avuga ko Petero ahava amwihakana gatatu
36 #
Yoh 7:34; 21:18, 19. Simoni Petero aramubaza, ati Mugenzi, uja hehe? Yesu aramwishura, at’ Aho nja ntushobora kunkurikira ubu, arik’ uzonkurikira hanyuma.#Mat 26:33-35; Mrk 14:29-31; Luk 22:31-34. 37Petero aramubaza, ati Mugenzi, n’iki kimbuza kugukurikira n’ubu? Erega nzonakwigura. 38Yesu aramwishura, at’ Ugize ng’ uzonyigura? N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.
Currently Selected:
Yohana 13: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: