Abalewi 11
11
Ibizira n’ibitazira
1 #
Gus 14:3-20. Uhoraho abarira Mose na Aroni, 2ati Mubarire Abisirayeli, muti Mu bikōko vyose, ibi ni vyo mwemererwa kurya mu bigenda vyose vyo mw isi: 3igifise inzāra cose ziri n’umwanya hagati, kikagira inzāra kubiri, kigatako kikūza, ico ni co mwemererwa kurya mu bigenda. 4Ariko mu vyūza no mu bifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ivyo mutemerewe kurya n’ibi: ingamiya, kuko naho yūza ariko ntigira inzāra ziri n’umwanya hagati, iyo n’ igihumanya kuri mwebge. 5N’ inkezi, kuko naho yūza ariko ntigira inzāra ziri n’umwanya hagati, na yo n’igihumanya kuri mwebge. 6N’urukwavu, kuko naho rwūza ariko ntirugira inzāra ziri n’umwanya hagati, na rwo n’igihumanya kuri mwebge. 7#Yes 65:4; 66:3, 17.N’ ingurube, kuko nah’ ifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ikagira inzāra kubiri, ariko ntiyūza, na yo n’igihumanya kuri mwebge. 8Inyama zavyo ntimuze muzirye, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko: n’ibihumanya kuri mwebge.
9Ibi ni vyo mwemererwa kurya mu biba mu mazi vyose: ibiba mu mazi, mu biyaga no mu nzūzi, bifise amababa n’ibigaragamba, ivyo ni vyo mwemererwa kurya. 10#Lew 7:21.Ibidafise amababa n’ ibigaragamba vyo mu biyaga no mu nzūzi, ibigendera mu mazi vyose, ibifise ubugingo vyose biba mu mazi, n’umuziro kuri mwebge. 11Bize bihore biba umuziro kuri mwebge; ntimuze mwigere murya ku nyama zavyo, kand’ imivyimba yavyo muze muyigire umuziro. 12Ico mu mazi cose kitagira amababa n’ibigaragamba kize kibe umuziro kuri mwebge.
13Ibi az’ abe ari vyo mugira umuziro mu bisīga; ntibize vyigere biribga, n’ibizira: inkukuma,#11:13 inkukuma ni yo mpungu. n’itarangabo, na oziniya; 14n’ ikinyamwanira, n’inkōna, ukw amoko yavyo ari; 15n’icitwa igikōna cose, ukw amoko yavyo ari; 16n’imbuni, na tamasi, na shakafu, n’agaca, ukw amoko yavyo ari; 17n’igihuna, na shalaki, n’inyanana; 18na tinishemeti, n’ inkongori, n’ikinyakabaka; 19na sarumfune, n’agasōza, ukw amoko yavyo ari, na samunsure, n’ agahungarema.
20Udukōko twose tw’amababa tunyonyera, tugendesha amaguru ane, n’umuziro kuri mwebge. 21Arikw ivyo mwemererwa kurya muri two n’ibi: udufise amaguru maremare akonye ahahera hejuru y’ibirenge, yo kugenda dutarukisha hasi. 22#Mat 3:4.Utwo mwemererwa kurya muri two n’uruzige, nk’ukw amoko yazo ari, n’utundi tumeze nka rwo twitwa solamu na harugoli na hagabu, nk’ukw amoko yatwo ari. 23Arik’ utundi twose tw’amababa tunyonyera, tugendesha amaguru ane, n’umuziro kuri mwebge.
24Kand’ ibi ni vyo vyobahumanya: uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba; 25#Lew 14:47; 15:5; 17:15; Guh 19:10.kandi n’uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 26Ikigenda gifise inzāra ziri n’imyanya hagati cose, arikw inzāra zitari kubiri rwose, kigatako nticūze, n’igihumanya kuri mwebge; uwogikorako wese yoba ahumanye. 27Ikigendesha amajanja cose co mu bigenza amaguru ane vyose, n’igihumanya kuri mwebge; uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba. 28Kandi n’ uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ivyo n’ ibihumanya kuri mwebge.
29 #
Yes 66:17. Ibi ni vyo bihumanya kuri mwebge mu binyonyera bigenda hasi: igikara, n’imbeba, bo n’imburu nk’ukw amoko yazo ari; 30n’ icūgu, n’ikivumbura, n’umuserebanyi, n’agacamano, n’uruvu. 31Ivyo vyose n’ibihumanya kuri mwebge mu binyonyera vyose; uwokora ku gipfuye muri vyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba. 32#Lew 15:12.Kand’ ikintu cose cokorokerwako n’umuvyimba w’ico muri vyo coba gihumanye; kandi naho coba ikintu cose cabājwe mu giti, cank’ umwambaro, cank’ urusato, cank’ igunira, cank’ ikindi kintu iyo kiva kikagera gikoreshwa mu buryo ubg’ ari bgo bgose, gikwiye kwinikwa mu mazi, kibe igihumanye gushitsa ku mugoroba; aho ni ho kizoba gihumanutse. 33Kand’ ikibumbano cose cokorokerwamwo na kimwe muri vyo, ivyoba muri co vyose vyoba bihumanye, na co ubgaco mwoba mukwiye kukimena. 34Ibirībga vyose vyosukwakw amazi yo muri co, vyoba bihumanye: kand’ ico kunywa cose coba mu kintu ben’ ico cose coba gihumanye. 35Ikintu cose cokorokerwako n’icavuye ku muvyimba wavyo coba gihumanye; ar’ iziko cank’ amashiga, coba gikwiye kumenagurwa; ivyo n’ ibihumanya, kandi bizoba ibihumanya kuri mwebge. 36Mugabo icokorokera mw isōko canke mu rwobo rwimbiwe kubīkamw’ amazi, akadengēramwo, yo ntiyoba ahumanye; arik’ uwokora ku muvyimba wavyo wakorokeyemwo yoba ahumanye. 37Kandi ni hagira ico ku muvyimba wavyo cogwa mu mbuto zo kubibga iz’ ari zo zose, zo ntizoba zihumanye. 38Ariko namb’ izo mbuto zīnitswe mu mazi, icavuye ku muvyimba wavyo kikazigwamwo, zizoba igihumanya kuri mwebge.
39 #
Lew 17:15; 22:8; Gus 14:21; Ezk 4:14. Kand’ igikōko cose cank’ igitunzwe mu vyo mwemererwa kurya, hagize igipfuye, uwokora ku muvyimba waco yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba. 40Kandi horamuka har’ ūriye ku muvyimba waco, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba; n’uwoterura umuvyimba waco, na we az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
41Kand’ ikinyonyera cose kinyonyera hasi n’ikizira: ntikize cigere kiribga. 42Igikwega inda hasi cose, n’akagendesha amaguru ane kose, n’akagendesha ubuguru bginshi, mber’ utunyonyera twose tunyonyera hasi, ntimuze mwigere muturya, kukw ar’ ibizira. 43#Lew 20:25.Ntimuze mwiyandurishe ak’ ari ko kose ko mu tunyonyera, ntimuze muvyihumanishe ngo bibanduze. 44#Lew 19:2; 20:7, 26; 1 Pet 1:16.Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi. 45#Kuv 6:7; 20:2.Kukw ari jewe Uhoraho nabadūganye mbakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: nuko rero mube abera, kuko nanje nd’ uwera.
46Ivyo ni vyo vyagezwe vyo ku bikōko no ku bitunzwe, no ku bisīga, no ku bifise ubugingo vyose bigendera mu mazi, no ku turiho twose tunyonyera hasi; 47#Lew 10:10; 20:25.vyo gutandukanya igihumanya n’ikidahumanya, n’icoribga mu bigenda n’ikitoribga.
Currently Selected:
Abalewi 11: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967