Abalewi 16
16
Ivyagezwe vyo ku musi mukuru w’impongano
1 #
Lew 10:1, 2. Uhoraho abarira Mose hanyuma yo gupfa kwa ba bana ba Aroni bompi, hamwe bīgira hafi imbere y’Uhoraho, bakagwaho; 2#Kuv 25:22; 30:10; 40:34; 1 Abam 8:10-12; Heb 9:5, 7, 25.Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni mukurwawe, yoye kwama yinjira, igihe yigombeye cose, ngw aje Ahēra, hirya ya ca gihuzu gikinze, imbere ya wa mutemere wo guhongerako urumitse kuri ya sandugu hejuru, kugira ngo ntapfe; kuko nzoserukira kur’ uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu. 3#Lew 1:10; 4:3.Aroni uku abe ari kw azogenza, mu kwinjira Ahēra: aze yābīre imasa y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa. 4#Kuv 28:39, 42; Lew 8:6, 7.Yambare ya kanzo yejejwe yera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; akenyeze wa mukanda wera derere, yambare na ca gitambara cera derere mu mutwe; iyo ni yo myambaro yejejwe: nukw abanze kwiyuhagira, aheze ayambare. 5#Lew 4:23; Guh 29:11.Maze yake ikoraniro ry’Abisirayeli amasuguru abiri y’impene kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama kuba ikimazi co kwoswa. 6#Lew 9:7; Heb 5:3; 7:27, 28; 9:7.Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe. 7Maz’ azane za mpene zompi, azihagarike imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro. 8Aroni aheze apfindire izo mpene zompi: ubupfindo bumwe bgerekane iyanje, ubundi bgerekane iyo gusendwa.#16:8 Mu Giheburayo handitswe ngo Azazeli, risobanurwa ngo Guta akabi. 9Maze yīgize hafi iyo mpene yerekanywe n’ubupfindo kw ar’ iyanje, ayigerere kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha. 10Arikw imwe yerekanywe kw ar’ iyo gusendwa, ihagarikwe imbere yanje ikidora, kugira ngo yaturirwekw ivyaha, irungikwe kuba iyo gusenderwa mu bugaragwa.
11Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe, akerere iyo masa y’ikimazi c’ivyaha yitangiriye. 12#Lew 10:1; Guh 16:46; Ivyah 8:3, 5.Yābire icotero, acuzuze amakara y’umuriro akūye ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agende yujuje amashi imibavu iseye igogōye, y’ ibintu bimoga, avyinjize hirya ya ca gihuzu; 13#Kuv 25:21, 22.iyo mibavu ayishire kur’ uwo muriro aho nyene imbere yanje, kugira ng’ umwotsi w’iyo mibavu utwīkīre wa mutemere wo guhongerako, uri hejuru ya vya Bishinga intahe, kugira ngo ntapfe. 14#Lew 4:5, 6; Heb 2:17; 9:7, 13, 25.Kandi yābīre ku maraso ya ya masa, ayacucagize urutoke kur’ uwo mutemere wo guhongerako ku ruhande rw’i burasirazuba, atekw ayacucagize urutoke nyene imbere y’iyo ntebe ibihetangabo ndwi. 15Aheze akerere ya mpene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, yinjirane amaraso yayo hirya ya ca gihuzu, ayagenze nk’uko yagenjeje amaraso ya ya masa, ayacucagire kuri wa mutemere wo guhongerako, bo n’imbere yawo.
16 #
Kuv 29:36; Ezk 45:18. Uko ni kw azoba atangiriye Ahēra impongano, kubg’ ubuhumane bg’Abisirayeli, no kubg’ ibicumuro vyabo, n’ivyaha vyabo vyose; kand’ abe ari kw agirira n’ihema ry’ibonaniro, riri hagati yabo, mu buhumane bgabo. 17#Luk 1:10, 21.Ntihaze hagire umuntu n’umwe agera mw ihema ry’ibonaniro, igihe Aroni yinjira Ahēra kuhatangira impongano, gushitsa ah’ azoba asohokeye, amaze kwitangira impongano ubgiwe bo n’ urugo rwiwe, no kuyitangira ishengero ryose ry’Abisirayeli. 18#Lew 1:5; 4:18, 24; Ezk 43:20.Nukw asohotse, aheze aje ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agitangirire impongano, yābīre ku maraso ya ya masa no ku ya ya mpene, ayasīge ku mahembe y’ico gicaniro impande zose. 19#Ezk 43:18.Aheze agicucagirekw ayo maraso n’urutoke rwiwe ibihetangabo ndwi, agihumanure, aceze kugira ngo kivek’ ubuhumane bg’Abisirayeli.
20 #
Ezk 45:20. Ni yaheza gutangira Ahēra impongano, bo n’ihema ry’ibonaniro, n’igicaniro, aheze yīgize hafi ya mpene ikidora. 21#Yes 53:6; Heb 10:3; 2 Kor 5:21.Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturirekw ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose, n’ ibicumuro vyabo vyose, n’ivyaha vyabo vyose; abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene, ayihe umuntu yari yibangikanije, ayijane mu bugaragwa. 22#Yes 53:11; Heb 9:28.Iyo mpene igende yikoreye ibigabitanyo vyabo vyose, ibijane ahataba abantu; uwo muntu ayishiburire mu bugaragwa. 23#Lew 6:11.Aroni yinjire mw ihema ry’ ibonaniro, yambure ya myambaro yera derere, iyo yari yambaye igihe yinjira Ahēra, ayisigeyo. 24#Lew 16:3, 5.Aheze yiyuhagirire ahantu hēra, yambare imyambaro yahorana, asohoke, yitangire ikimazi ciwe ubgiwe co kwoswa, atangire n’abantu icabo, yihongere ubgiwe, ahongere n’abantu. 25#Kuv 29:13; Lew 4:8-10.Kand’ ibinure vya ca kimazi catangiwe ivyaha avyosereze ku gicaniro.
26 #
Lew 15:5; 16:8, 10. Uwagiye gushibura ya mpene yasenzwe, amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje. 27#Lew 4:11, 12; Heb 13:11.Kand’ ivya ya masa y’ikimazi catangiwe ivyaha, n’ivya ya mpene y’ikimazi catangiwe ivyaha nyene, bimwe amaraso yavyo yinjijwe Ahēra kuba impongano, babiterure, babijane inyuma y’aho mushagaje, baturire insāto zavyo, n’inyama zavyo, n’amayezi yavyo; 28kand’ uwabituriye amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.
29 #
Kuv 12:49; Lew 23:27; Guh 29:7; Yes 58:3, 5. Ibi bize bibabere icagezwe c’intahava: mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi, muze mwame mwibabaza; ntihaze hagire ūgira igikorwa awukorako, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge. 30#Yer 33:8; Ezk 36:25; Heb 10:1, 2.Kuko kur’ uwo musi ari ho muzotangirwa impongano, kugira ngo muhumanurwe: nuko muzoba muhumanuwe ivyaha vyanyu vyose imbere yanje, jewe Uhoraho. 31#Lew 23:32.Uwo musi uze wame ubabera isabato yo kuruhuka bihebuje, muze mwame muwibabazako: ico n’icagezwe c’intahava. 32#Kuv 29:29, 30; Lew 16:4; Guh 20:28.Kand’ umuherezi azorobanuzwa amavuta, akarobanurirwa ubuherezi mu gishingo ca se, az’ abe ari we abatangira impongano, yambaye ya myambaro yera derere, ari yo myambaro yejejwe; 33az’ atange impongano y’Ahēra cane, n’iy’ ihema ry’ibonaniro, n’iy’ igicaniro, atange n’iy’ abaherezi, n’iy’ ikoraniro ry’abantu bose. 34#Kuv 30:10; Heb 9:7, 25.Ico kize kibabere icagezwe c’intahava, yukw azokwama atangira Abisirayeli impongano kubg’ ivyaha vyabo vyose, rimwe gusa uk’umwaka utashe. Nuko Aroni agenza nk’ uk’ Uhoraho yabariye Mose.
Currently Selected:
Abalewi 16: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967