Abalewi 18
18
Ivy’ ukwitandukanya n’ingeso z’Abanyakanani
1Uhoraho abarira Mose, 2#Kuv 6:7; Ezk 20:5.ati Barira Abisirayeli, uti Ni we Uhoraho, Imana yanyu. 3#Kuv 23:24; Ezk 20:7, 8.Uti Ntimuze mukore nk’ivyo abo mu gihugu ca Egiputa bakora, abo mwahora mubamwo; kandi ntimuze mukore nk’ivyo abo mu gihugu c’i Kanani bakora, iy’ abajanye kuba: ntimuze mukurikire amabgirizwa yabo. 4#Ezk 20:19.Ut’ Ivyagezwe vyiwe az’ abe ari vyo mwumvira, n’amabgirizwa yiwe az’ abe ari yo mwitondera, mubigenderemwo: uti Ni we Uhoraho Imana yanyu. 5#Ezk 20:11; Luk 10:28; Rom 10:5; Gal 3:12.Uti Nuko muze mwitondere amabgirizwa yiwe, n’ivyagezwe vyiwe; umuntu azokora ivyo, ni vyo bizomubeshaho: nd’ Uhoraho.
Abo umuntu azira kwābīra
6Ntihaze hagire uwo muri mwebge yēgēra uwo mu nzu yo hafi, ngw amwambike ubusa: nd’ Uhoraho. 7#Lew 20:11-21.Ntihaze hagire uwambika ubusa nyina, ni kwo kwambika ubusa se: uwo ni nyina, ntaz’ amwambike ubusa. 8#Gus 22:30; 27:20; 1 Kor 5:1.Ntihaze hagire uwambika ubusa muka se; kukw ar’ ubgambure bga se. 9#Ita 20:12; Gus 27:22; 2 Sam 13:12.Ntihaze hagire uwambika ubusa mushiki we, ar’ uwo basangiye se canke nyina, ar’ uwo bavukana cank’ ar’ umuzanano: ntihaze hagire ūmwambika ubusa. 10Ntihaze hagire uwambika ubusa umwuzukuru wo ku muhungu wiwe canke wo ku mukobga, kuk’ ubgambure bgabo ari bgo bgiwe. 11Ntihaze hagire uwambika ubusa umukobga wa muka se, basangiye se: uwo ni mushikiwe, ntaz’ amwambike ubusa. 12Ntihaze hagire uwambika ubusa inasenge, kukw avukana na se. 13Ntihaze hagire uwambika ubusa nyinabo, kukw avukana na nyina. 14Ntihaze hagire uwambika ubusa se wabo, ngo yegere umugore wiwe, kukw ari nka nyina. 15#Ita 38:6-26.Ntihaze hagire uwambika ubusa umukazana wiwe: uwo n’umugore w’ umuhungu wiwe, ntihaze hagire ūmwambika ubusa. 16#Gus 25:5; Mat 14:3, 4; 22:24.Ntihaze hagire uwambika ubusa muramu we: kuk’ ubgambure bgiwe ar’ ubg’ uwo bavukana. 17#Gus 27:23.Ntihaze hagire uwambika ubusa umugore n’umukobga wiwe, canke ngo yābīre umwuzukuru wo ku muhungu w’uwo mugore, cank’ uwo ku mukobga wiwe, ngw amwambike ubusa: kukw ar’ abo mu nda yiwe; ico n’icaha gikomeye. 18#Ita 30:15.Ntihaze hagire ūharika umugore uwo bavukana, ngw abe umukēba wiwe, ngw amwambike ubusa uwo bavukana akiriho. 19#Lew 15:24; 20:18.Ntihaze hagire uwegera umugore ngw amwambike ubusa, akiri mu muhango wiwe. 20#Kuv 20:14.Ntihaze hagire ūsambana na muka mugenzi we, ngo yiyanduze kubgiwe. 21#Lew 19:12; 20:2-5; 22:32; 1 Abam 11:7, 33; 2 Abam 16:3; 23:10; Ezk 36:20; Mal 1:12.Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki#18:21 Moleki car’ ikigirwamana c’Abanyakanani, bāgishikanira umwana, bakamwosa mu muriro. kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho. 22#Rom 1:27; 1 Tim 1:10.Ntihaze hagire umugabo yenda uwundi mugabo bga mugore: n’ikizira. 23#Kuv 22:19; Gus 27:21.Ntihaze hagire ūryamana n’igitungano ic’ ari co cose, ngw aciyandurishe; kandi ntihaze hagire umugore cank’ umukobga ahagarara imbere y’igitungano ngw aryamane na co: ivyo vyoba ar’ukuvanga ibidahwanye.
Abaca mur’ ivyo vyagezwe baba bahumanije igihugu cabo
24 #
Lew 20:23; Gus 9:4; 18:12; Mat 15:18. Ntimuze mugire ico mwiyandurisha na kimwe mur’ ivyo vyose; kukw ivyo vyose ari vyo vyanduje amahanga ngira nze nirukane imbere yanyu, 25#Lew 18:27, 28; 20:22; Yes 24:5; 26:21.bikanduza n’igihugu cabo; ni co gituma ngira ngihōre ibigabitanyo vyaco, ico gihugu kikahava kidahwa abakibamwo. 26Nuko rero mweho muze mwitondere amabgirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, ntimuze mugire ikizira na kimwe co mur’ ivyo mukora, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge. 27Kukw ivyo bizira vyose ben’ ico gihugu babatanguriye kuhaba ari vyo bakoze, bikanduza ico gihugu. 28Ntimuze mubikore, ngw ico gihugu kibadahwe namwe, ni mwacanduza, nk’uko cadashwe rya hanga ryabatanguriye kuhaba. 29Kuk’ umuntu wese azogira ico akora na kimwe mur’ ivyo vyose bizira, abazobikora bose bazorandurwa bakūrwe mu bgoko bgabo. 30Ni co gituma mukwiye kwitondera ivyo mbihanikirije, kugira ngo ntimuze mugire n’umwe mur’ iyo migenzo izira mukora, yakorwa n’ababatanguriye kuhaba, ngo muyiyandurishe: nd’ Uhoraho Imana yanyu.
Currently Selected:
Abalewi 18: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967