YouVersion Logo
Search Icon

Luka 3:4-6

Luka 3:4-6 BKC

Ivyo vyari vyaranditswe mu gitabu c’amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya, aho yavuga ati: “Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo! Imyonga yose izokwuzuzwa iringanire, imisozi n’udutumba vyose bizosenwa. Amabarabara atagororotse azogororwa, n’inzira zisivye zizosiburwa, ziringanizwe. Kandi abantu bose bazobona agakiza k’Imana.’”