YouVersion Logo
Search Icon

Luka 7:21-22

Luka 7:21-22 BKC

Ako kanya nyene Yesu aca akiza abantu benshi bari bafise ingwara n’ubumuga butandukanye, ababoshwe n’impwemu mbi, ahumura n’impumyi nyinshi. Maze abarira ba bigishwa ati: “Genda mubarire Yohana ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise: impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa Ubutumwa Bwiza.