YouVersion Logo
Search Icon

Luka 7:7-9

Luka 7:7-9 BKC

Simbereye no kuza aho uri ngo duhure. Ariko vuga ijambo rimwe gusa, umukozi wanje arakira. Kuko nanje ndafise abantegeka kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti ‘Kora iki,’ aca agikora.” Yesu avyumvise aratangara cane, aca arahindukira abarira abo bari kumwe ati: “Ndababwire ukuri, no muri Isirayeli, sinari bwabone uwufise ukwizera gukomeye nk’uku.”