YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 10

10
Ukwahukana
1Nuko Yesu ava i Kaperinawumu aja mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani. Na ho nyene abantu isinzi baza aho ari, aca arabigisha nk’uko yari asanzwe abikora.
2Bamwe mu Bafarisayo baraza bagerageza kumutega umutego, baramubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe?”
3Arabishura ati: “Mbega ivyagezwe vya Mose bitegeka iki?”
4Baramwishura bati: “Mose yaremeye ko umuntu ashobora guha umugore wiwe urwandiko rwemeza ko bahukanye hanyuma akamwirukana.”
5Yesu arabishura ati: “Yanditse ico cagezwe kuko imitima yanyu ikomantaye. 6Ariko Imana yaremye ‘umugabo n’umugore kuva mu ntango y’irema.’#10:6 Itanguriro 1:27 7‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe, 8maze bakaba umubiri umwe’#10:8 Itanguriro 2:24; kuko baba batakiri babiri, ahubwo baba babaye umwe. 9None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”
10Bashitse mu nzu, abigishwa basubira kubaza Yesu ku bijanye n’ukwahukana. 11Arabishura ati: “Umuntu wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba asambanye, kandi aba acumuye kuri uwo wa mbere. 12Kandi iyo umugore yahukanye n’umugabo wiwe akarongorwa n’uwundi mugabo, aba asambanye.”
Yesu ahezagira abana bato
13Umusi umwe, abavyeyi bazanye abana babo aho Yesu ari kugira ngo abarambikeko ibiganza, abahezagire. Ariko abigishwa barabakankamira. 14Yesu abibonye, arababara. Abwira abigishwa biwe ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’aba. 15Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.” 16Nuko aterura ba bana, abarambikako ibiganza, arabahezagira.
Umutunzi n’Ubwami bw’Imana
17Yesu afashe urugendo rwiwe aja i Yerusalemu, haza umuntu yiruka aja iyo ari, apfukama imbere yiwe, aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”
18Yesu aramwishura ati: “Unyitira iki mwiza? Nta mwiza ahari, kiretse Imana yonyene. 19Urazi ko amabwirizwa avuga ngo: ‘Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, ntukanyage abandi ivyabo, wubahe so na nyoko.’#10:19 Kuvayo 20:12-16; Gusubiramwo 5:16-20
20Wa muntu yishura ati: “Ayo yose nayakurikije kuva nkiri muto.”
21Yesu aramuraba yumva aramukunze. Aramubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe abakene; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru, hanyuma uze unkurikire.”
22Wa muntu avyumvise aca arijirirwa, agenda ababaye kuko yari afise ubutunzi bwinshi cane.
23Yesu arahindukira abwira abigishwa biwe ati: “Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana!”
24Abigishwa batangazwa n’ayo majambo. Yesu yongera arababwira ati: “Bana nkunda, biragoye cane kwinjira mu Bwami bw’Imana! 25Vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana.”
26Ivyo vyarushirije gutangaza abigishwa, maze baravugana bati: “None ni nde ashobora gukizwa?”
27Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: “Ku bantu, ntibishoboka. Ariko ku Mana, vyose birashoboka.”
28Maze Petero aramubwira ati: “Twebwe twasize vyose turagukurikira!”
29Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe yasize inzu, abavukanyi, se canke nyina, abana canke amatongo yiwe kubera Ubutumwa Bwiza, 30atazobishumbushwa incuro ijana muri iki gihe: inzu, abavukanyi, abavyeyi, abana n’amatongo, hamwe no guhamwa. Kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira. 31Kandi benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo babe ab’imbere.”
Yesu avuga ubugira gatatu ivyerekeye urupfu rwiwe
32Bari mu nzira baduga i Yerusalemu, Yesu agendera imbere y’abigishwa biwe kandi bari bahagaritse imitima, ndetse n’abagendana na bo bari bafise ubwoba. Nuko Yesu yihereranya bamwe cumi na babiri, yongera kubabwira ibigiye kumubako. 33Arababwira ati: “Ehe tuduze i Yerusalemu, aho Umwana w’Umuntu azotangwa agahabwa abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa hanyuma bamushikirize Abanyamahanga, 34na bo bazomucokora, bamucireko amate, bamukubite, hanyuma bamwice. Ariko inyuma y’imisi itatu azozuka.”
Ico Yakobo na Yohana basavye
35Yakobo na Yohana, bene Zebedayo, baza aho Yesu ari. Baramubaza bati: “Mwigisha, turakwinginze udukorere ico tugusaba.”
36Arababaza ati: “Mushaka ko ndabakorera iki?”
37Baramwishura bati: “Niwicara ku ntebe yawe y’ubwami mu bwiza bwawe, uze utwicarike, umwe i buryo bwawe, uwundi i bubamfu bwawe.”
38Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba! Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe c’imibabaro ngiye kunywako canke kubatizwa umubatizo w’umubabaro ngiye kubatizwa?”
39Baramwishura bati: “Egome twobishobora.”
Yesu arababwira ati: “Ni ivy’ukuri muzonywa ku gikombe c’umubabaro ngiye kunywerako kandi muzobatizwa umubatizo w’umubabaro ngiye kubatizwa, 40ariko ibijanye no kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’ababiteguriwe.”
41Bamwe cumi bandi bavyumvise bashavurira Yakobo na Yohana. 42Yesu aca arabahamagara bose ababwira ati: “Murazi ko abatware b’Abanyamahanga babatwaza umukazo, kandi ko ababaganza babacinyiza. 43Uko si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Uwushaka kuba umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umukozi wanyu, 44kandi uwushaka kuba uwa mbere ategerezwa kuba umugurano wa bose. 45Kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanywe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”
Yesu ahumura Barutimayo
46Nuko Yesu n’abigishwa biwe bashika i Yeriko, hanyuma bava muri ico gisagara bari kumwe n’isinzi ry’abantu. I ruhande y’inzira hari impumyi yitwa Barutimayo, mwene Timayo, yari yicaye asegerereza. 47Yumvise ko ari Yesu w’i Nazareti ariko ararengana, atangura gusemerera ati: “Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!”
48Abantu benshi baramuzibiza bati: “Hora!” Ariko arushiriza gusemerera ati: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!”
49Yesu aca arahagarara, avuga ati: “Nimumumpamagarire.”
Nuko bahamagara ya mpumyi bati: “Humura! Haguruka, araguhamagaye!” 50Ya mpunyi ita impuzu zayo, irabaduka ija aho Yesu ari.
51Yesu arayibaza ati: “Ushaka ko ngukorera iki?”
Na yo iti: “Mwigisha, ndashaka guhumuka.”
52Yesu aravuga ati: “Igire, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene aca arahumuka, akurikira Yesu.

Currently Selected:

Mariko 10: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in