YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 13

13
Ibimenyetso vy’ukugaruka kwa Yesu
1Yesu ariko arasohoka ava mu rusengero, umwe mu bigishwa biwe aramubwira ati: “Mwigisha, ehe raba ingene izi nyubakwa n’amabuye azubatse biteye igomwe!”
2Yesu arishura ati: “Murabona izi nyubakwa zihambaye? Nta buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi; yose azosamburirwa hasi.”
3Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi wa Elayono aharabana n’urusengero, Petero, Yakobo, Yohana na Andereya baramubaza biherereye bati: 4“Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ko bigiye gushika?”
5Yesu atangura kubabwira ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu abazimiza, 6kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga bati: ‘Ni jewe Kristo!’ kandi bazozimiza benshi. 7Nimwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika. 8Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba nyamugigima n’amapfa. Ariko ivyo bizoba ari nk’intango y’ibise.
9 Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’ubucamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo mushingire intahe imbere yabo. 10Kuko Ubutumwa Bwiza butegerezwa kubanza kuvugwa mu mahanga yose. 11Nibabafata bakabashengeza, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga. Muze muvuge ico muzohabwa ako kanya, kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu Yera.
12 Umuntu azotanga uwo bavukana ngo bamwice, n’umuvyeyi agirire umwana wiwe uko. Abana bazogarariza abavyeyi babo banabicishe. 13Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.
14 Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ # 13:14 Daniyeli 9:27; 11:31; 12:11 gihagaze aho kidakwiye guhagarara (uwusoma niyiyubare), abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi.#13:14 aho kidakwiye guhagarara: Ahera 15Uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntazosubire mu nzu kurondera ivyo ahungana. 16Uwuzoba ari mu murima ntaze asubire i muhira gutora umutamana. 17Mbega ukuntu iyo minsi izoba ari iy’umubabaro utagira ingene wovugwa ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa! 18Musenge kugira ngo ntibize bishike mu gihe c’imbeho nyinshi cane,#13:18 mu gihe c’imbeho nyinshi cane Iki gihe Yesu yari ariko aravuga ni igihe c’imbeho nyinshi, ishobora gituma umuntu akongatara iyo atikingiye. 19azoba ari imisi y’umubabaro n’agahinda bitigeze kubaho kuva Imana irema isi kugeza ubu, kandi bitazosubira kubaho.
20 Iyo Umwami Imana atagabanya iyo misi, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi yarayigabanije. 21Muri ico gihe nihagira umuntu ababwira ati: ‘Ehe Kristo ari hano!’ canke ngo, ‘Ehe ng’uriya!’ ntimuze muvyemere. 22Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe. 23Nuko mube maso, kuko ndabibabwiye imbere y’uko bishika.
24 Muri iyo misi, inyuma y’ayo makuba,
‘izuba rizocura umwijima,
n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha,
25 inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru,
kandi n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’ # 13:25 Yesaya 13:10; 34:4
26 Ni ho abantu bazobona Umwana w’Umuntu aserutse mu bicu afise ubushobozi n’ubwiza bihambaye. 27Azotuma abamarayika biwe bakoranye abatoranijwe na we babakuye ku mpera zine z’isi, kuva aho itangurira gushika aho amajuru aherera.
28 Nimwigire ku giti c’umusukoni: iyo amashami yaco atanguye kworoha, amababi agatangura gututuza, muca mumenya ko agatasi kari hafi. 29Nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko ukugaruka kwiwe kuri hafi, ko ageze kw’irembo. 30Ndababwire ukuri, abo muri runo runganwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika. 31Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.
Nta n’umwe azi umusi n’isaha
32 Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru, canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene. 33Nuko rero mwame mugavye, muterame, kuko mutazi aho ico gihe kizoshikira. 34Ukuza kw’Umwana w’Umuntu kugereranywa n’urugendo umuntu yateguye. Agira ave i muhira, yabwiye abakozi biwe bose ivyo bategerezwa gusigara barakora, hanyuma abwira umuteramyi kuba maso.
35 None rero mube maso kuko mutazi igihe nyene inzu azogarukirako; hashobora kuba ku mugoroba, mu gicugu, mw’ijoro rishira ubuca canke kare mu gitondo. 36Niyaza giturumbuka, ntaze asange musinziriye. 37Ibi ndabibwiye mwebwe, ndabibwira n’abandi bose: ‘Nimube maso!’ ”

Currently Selected:

Mariko 13: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in