YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 15

15
Yesu imbere ya Pilato
1Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abatware, n’abigisha b’ivyagezwe, ari bo bari bagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda barakorana, bagira inama. Nuko baboha Yesu, bamujana kwa Pilato.
2Pilato aramubaza ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?”
Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”
3Maze abakuru b’abaherezi bamurega ibirego vyinshi. 4Pilato aramubaza ati: “Mbega nta co wishura? Mbega ntiwumva ivyo bakurega?”
5Ariko Yesu ntiyagira ico yishura, bituma Pilato atangara.
6Igihe cose mu misi mikuru ya Pasika, hari umugenzo wo kurekura imbohe abantu bisabiye. 7Hariho umugabo yitwa Baraba yari mw’ibohero kuko we na bagenziwe bagirizwa ubwicanyi mu migumuko. 8Nuko abantu baraza basaba Pilato kubarekurira imbohe nk’uko yari asanzwe abikora.
9Pilato arababaza ati: “Mushaka ko ndabarekurira Umwami w’Abayuda?” 10Yari azi neza ko abakuru b’abaherezi bamuzaniye Yesu kubera ishari. 11Abakuru b’abaherezi batangura kugumura abantu ngo basabe Pilato abarekurire Baraba mu kibanza ca Yesu.
12Pilato arababaza ati: “None uwo mwita umwami w’Abayuda ndamugire nte?”
13Barasemerera bati: “Nabambwe!”
14Pilato arababaza ati: “Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?”
Ahubwo barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe!”
15Mu ntumbero yo kunezereza abantu benshi bari aho, Pilato arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.
Abasoda bacokora Yesu
16Nuko abasoda bajana Yesu mu rugo rw’imbere (ni ukuvuga aho umutware w’Umuroma yakorera), bahamagara abandi basoda bagize umugwi wabo, 17bamwambika ikanzu itukura, bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika ku mutwe. 18Nuko batangura kumucokora bati: “Turagize bwakeye, Mwami w’Abayuda!” 19Bamukubita kenshi irenga ku mutwe, bamucirako amate. Bapfukama imbere yiwe bamushinyagurira ngo baramwubashe. 20Bahejeje kumushinyagurira, bamwambura ya kanzu itukura basubira kumwambika impuzu ziwe, hanyuma bamujana kumubamba.
Babamba Yesu
21Bakiri mu nzira bagenda, bahura n’umugabo yitwa Simoni yari avuye mu mirima, bamutegeka gutwaza umusaraba Yesu. Simoni yava i Kurene#15:21 Kurene cari igisagara co mu buraruko bwa Afrika. kandi yari se wa Alegizandere na Rufu. 22Nuko bashikana Yesu ahantu hitwa Gologota (bisigura ngo Ahantu h’Agahanga). 23Bagerageza kumuha umuvinyu w’inkarisha, ariko Yesu yanka kuyinywa. 24Nuko baramubamba, bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo kugira ngo barabe iyo umwumwe wese yegukira.
25Igihe bamubamba hari nk’isaha zitatu z’igitondo. 26Icandiko c’ibirego vyatumye abambwa cavuga ngo:
umwami w’abayuda.
27Ba basoda bongera babamba ibisuma bibiri i ruhande ya Yesu, kimwe i buryo, ikindi i bubamfu bwiwe. [ 28Uko ni ko Ivyanditswe vyashitse kuko vyavuga ngo: “Yaharuwe mu gitigiri c’inkozi z’ikibi.”]#15:28 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo. 29Abarengana bagenda baramutuka bamuzunguriza imitwe, bakamubwira bati: “Wewe wavuze ngo wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu! 30Ikize rero, wikure kuri uwo musaraba!” 31N’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe na bo bakamucokora, bavuga bati: “Yakijije abandi, ariko we ntashobora kwikiza! 32Kristo, Umwami w’Abisirayeli niyikure ku musaraba kugira ngo tubibone hanyuma tumwizere.” Na vya bisuma vyari bibambanywe na we na vyo biramutuka.
Urupfu rwa Yesu
33Kuva isaha zitandatu z’umurango, igihugu cose gitwikirwa n’umwijima gushika isaha y’icenda. 34Isaha y’icenda ishitse, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eloyi, Eloyi, lema sabakitani?” (bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”)#15:34 Zaburi 22:1
35Bamwe mu bari bahagaze aho baravuga bati: “Mwumvise? Ariko ahamagara Eliya!”
36Umwe ariruka afata ipampa arijobeka mu nkarisha, arishira kw’irenga, aca arariduza ku munwa wa Yesu kugira ngo amunyweshe, aravuga ati: “Reka turabe ko Eliya aza kumwururutsa amukure ku musaraba.”
37Nuko Yesu araboroga, aca aracikana.
38Igitambara co mu rusengero gica gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. 39Umusoda mukuru w’Umuroma yari ahagaze imbere ya Yesu, abonye ingene apfuye, aravuga ati: “Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”
40Ico gihe hariho abagore bariko barabikurikirana bari kure. Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, hamwe na Salome. 41Abo bagore bagendana na Yesu igihe yari i Galilaya bakamushigikira. Kandi benshi mu bagore bari bazananye na we i Yerusalemu bari aho.
Bahamba Yesu
42Uwo musi wari uwo kwitegurira Isabato, ni ukuvuga buca haba Isabato. Nuko hageze ku mugoroba, 43Yosefu w’i Arimataya ararinda, aja kwa Pilato amusaba ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwubahwa mu bagize inama nkuru y’ubwoko bw’Abayuda kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana. 44Pilato aca aratangara yumvise ko Yesu yamaze gucikana. Nuko ahamagara wa musoda mukuru w’Umuroma amubaza ko Yesu yamaze gucikana. 45Na we amubwira ko ari vyo. Pilato aca aha uruhusha Yosefu rwo gutora ikiziga ca Yesu. 46Maze Yosefu aca agura igitambara cera, akura ikiziga ca Yesu ku musaraba, akizingira muri ico gitambara cera, aca agishira mu mva yimbwe mu gitandara; aca atembagariza ikibuye kinini ku bwinjiriro bwa ya mva arayugara. 47Kandi ico gihe Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yose bariko bararaba aho bashize ikiziga ca Yesu.

Currently Selected:

Mariko 15: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in