YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 3

3
Yesu akiza umuntu ku musi w’Isabato
1Ikindi gihe Yesu yinjira mw’isinagogi ahasanga umuntu akongataye ukuboko. 2Bamwe mu bari aho bamuhanga amaso ngo barabe ko amukiza, kuko bashaka ico bafatirako kugira ngo bamwagirize ko yakoze ku musi w’Isabato kandi kizira. 3Yesu abwira wa muntu akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero.”
4Arababaza ati: “Mbega ni igiki cemewe gukorwa ku musi w’Isabato: Gukora iciza canke gukora ikibi? Gukiza umuntu canke kumwaka ubugingo?” Ntihagira uwumwishura.
5Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Nuko abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira. 6Abafarisayo baca baragenda baja inama n’abayoboke ba Herode, barondera ingene bokwica Yesu.
Abantu benshi bakurikira Yesu
7Yesu n’abigishwa biwe bava aho hantu baja ku kiyaga c’i Galilaya, maze abantu benshi baramukurikira bavuye i Galilaya, i Yudaya, 8i Yerusalemu, muri Idumaya, hakurya y’uruzi Yorodani no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni. Abo bose bamukurikiye kuko bumvise ibitangaza yakoze. 9Nuko abwira abigishwa biwe ngo bamutegurire ubwato kugira ngo abantu ntibamusite, 10kuko yari yakijije abantu benshi bituma abarwaye bandi barondera kumukorako. 11Abantu baboshwe n’impwemu mbi bamukubise ijisho, izo mpwemu mbi zaca zibakubita hasi zigasemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” 12Ariko we yaca azikankamira ngo zihore, ntizisubire kuvuga uwo ari we.
Yesu atoranya abigishwa cumi na babiri
13Hanyuma Yesu aduga ku musozi ahamagara abo ashaka, na bo baza aho ari. 14Maze atoranyamwo cumi na babiri, abita intumwa, kugira ngo babane na we yongere abatume kuvuga Ubutumwa Bwiza; 15abaha n’ububasha bwo kwirukana abadayimoni.
16Aya ni yo mazina y’abo cumi na babiri yatoranije:
Simoni (uwo yise Petero);
17Yakobo na Yohana bene Zebedayo (na bo abita Bowanerige, bisigura ngo abana b’inkuba);
18Andereya,
Filipo,
Baruteremi,
Matayo,
Toma,
Yakobo mwene Alufayo,
Tadeyo,
Simoni Umuzelote,
19na Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha.
Bitirira Satani ibikorwa vya Yesu
20Hanyuma Yesu aja i muhira, maze abantu benshi basubira gukoranira aho ari, ku buryo we n’abigishwa biwe bitashoboka ko bafungura. 21Abo mu muryango wiwe bavyumvise, baja kumufata, kuko bivuga bati: “Yasaze.”
22Abigisha b’ivyagezwe bari baje bava i Yerusalemu bavuga bati: “Akoreshwa n’ububasha bwa Beyelizebuli! Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”
23Yesu arabahamagara ababwira mu migani ati: “Mbega Satani yokwirukana Satani gute? 24Iyo ubwami bwiciyemwo ibice, buba bugiye gusenyuka. 25Kandi iyo umuryango wiciyemwo ibice, ntushobora kurama. 26Iyo Satani yigwanije akicamwo ibice, ntashobora guhagarara, ivyiwe biba biheze. 27Nta muntu yokwinjira mu nzu y’umunyenkomezi ngo amunyage ivyo atunze atabanje kumuboha. Aho ni ho honyene ashobora kumunyaga ivyiwe. 28Ndababwire ukuri, ivyaha vyose abana b’abantu bakora n’ibitutsi vyose batuka Imana barashobora kubibabarirwa. 29Ariko umuntu wese atuka Mpwemu Yera ntazokwigera abibabarirwa, icaha ciwe kizohoraho ibihe bidashira.”
30Ivyo yabivuze kuko bariko bavuga ngo arimwo impwemu mbi.
Nyina na bene nyina ba Yesu
31Bene nyina ba Yesu na nyina baraza bahagarara hanze, batuma umuntu kumuhamagara. 32Abantu bari bamukikije baramubwira bati: “Nyoko na bene nyoko bari hanze kandi barakurondera.”
33Arababaza ati: “Mama ni nde kandi bene mama ni ba nde?”
34Nuko yeraguza mu bari bamukikije, avuga ati: “Aba ni bo mama kandi ni bo bene mama. 35Uwukora ivyo Imana ishaka wese ni we mwene mama kandi ni we mama.”

Currently Selected:

Mariko 3: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in