1
Itanguriro 18:14
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Mbega hari ikintu kidashobokera UHORAHO? Aho nzogarukira igihe nk’iki umwaka uza, Sara azoba afise umwana w’umuhungu.”
Compara
Explorar Itanguriro 18:14
2
Itanguriro 18:12
Nuko Sara aratwenga yivugana ati: “Ko ndi akaheze, n’umwami wanje na we akaba ashaje, mbega ivyo vyoba bikindyohera?”
Explorar Itanguriro 18:12
3
Itanguriro 18:18
Ehe agiye kuba sekuruza w’ihanga rinini kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa biciye kuri we.
Explorar Itanguriro 18:18
4
Itanguriro 18:23-24
Aburahamu aramwegera aramubaza ati: “None ugiye kurandurana abagororotsi n’abanyakibi? Hamwe wosanga hariyo abantu mirongo itanu b’abagororotsi muri kirya gisagara, na ho nyene wokirandura; ntiwogihangaza ku bwabo?
Explorar Itanguriro 18:23-24
5
Itanguriro 18:26
UHORAHO aramwishura ati: “Ninasanga hari abagororotsi mirongo itanu i Sodomu, igisagara cose ndagihangaza ku bwabo.”
Explorar Itanguriro 18:26