1
Luka 13:24
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
“Mugire umwete wo guca mw’irembo ryaga, kuko ndababwire ukuri, benshi bazogerageza kwinjira ariko ntibabishobore.
Compara
Explorar Luka 13:24
2
Luka 13:11-12
Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka. Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: “Mupfasoni, ndakubohoye ubumuga bwawe.”
Explorar Luka 13:11-12
3
Luka 13:13
Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.
Explorar Luka 13:13
4
Luka 13:30
Kandi mumenye ko hari bamwe mu bari inyuma bazoba ab’imbere, na bamwe mu bari imbere bazoba ab’inyuma.”
Explorar Luka 13:30
5
Luka 13:25
Nyene inzu niyahaguruka akugara umuryango, muzohagarara inyuma mudodora, mutakamba muti: ‘Nyakwubahwa, twugururire.’ Na we azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva.’
Explorar Luka 13:25
6
Luka 13:5
Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.”
Explorar Luka 13:5
7
Luka 13:27
Ariko azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva. Mviraho mwa nkozi z’ibibi mwe!’
Explorar Luka 13:27
8
Luka 13:18-19
Nuko Yesu abandanya avuga ati: “Mbega Ubwami bw’Imana bumeze nk’iki? Nobugereranya n’iki? Bumeze nk’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe, karakura gahinduka igiti, maze inyoni zo mu kirere ziraza zarika mu mashami yaco.”
Explorar Luka 13:18-19