17
Inyigisho ku vyaha, ku kwizera no ku bikorwa
1Umusi umwe Yesu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ibituma abantu bacumura ntibizoreka kuza, ariko aragowe umuntu abizana. 2Ikimukwiye ni uko yoboherwa ibuye rinini kw’izosi, agatererwa mu kiyaga, hako atuma hagira n’umwe muri aba bato acumura. 3Nuko rero mwiyubare mu vyo mukora.
Umuvukanyi wawe niyacumura, umwihanize. Niyihana, umuharire. 4Niyagucumurako incuro indwi ku musi, akagaruka incuro indwi nyene akubwira ati: ‘Ndihanye mbabarira,’ uze umuharire.”
5Intumwa zibwira Umwami Yesu ziti: “Mwigisha, twongerereze ukwizera.”
6Arabishura ati: “Iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwiye iki giti muti ‘Randuka, ushingwe mu kiyaga,’ kandi cobumviye.
7 Ni nde muri mwebwe, afise umukozi, yohengera avuye kurima canke kuragira, akamubwira ati: ‘Kaze ku meza dufungure’? 8Mbega ntaca avuga ati: ‘Ntegurira imfungurwa, hanyuma wambare neza ungaburire, ninaheza gufungura na we uraheza ufungure’? 9Mbega arashimira uwo mukozi ko yakoze ivyo yamutegetse vyose? Haba na mba! 10Nuko rero namwe nimwaheza gukora ivyo mwategetswe vyose, muze muvuge muti: ‘Turi abakozi b’imburakimazi, twakoze ivyo dutegerezwa gukora.’ ”
Yesu akiza abanyamibembe cumi
11Yesu ariko araja i Yerusalemu, aca ku rubibe rwa Samariya na Galilaya. 12Agira ashikire imihana, haza abanyamibembe cumi baza guhura na we, ariko bahagarara kure yiwe. 13Barasemerera bati: “Yesu, Mwigisha, tugirire impuhwe!”
14Ababonye, arababwira ati: “Nimugende, mwiyereke abaherezi.” Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.
15Umwe muri bo abonye ko yakize, aca asubira inyuma aho Yesu yari ari, ashima Imana n’ijwi rirenga. 16Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.
17Yesu arabaza ati: “Mbega abakize bagahumanuka ntibari cumi? None abandi icenda bari he? 18Nta n’umwe yagarutse guha icubahiro Imana atari uwu munyamahanga?” 19Aca aramubwira ati: “Haguruka wigire, ukwizera kwawe kwagukijije.”
Ivy’ukuza kw’Ubwami bw’Imana
20Umusi umwe Abafarisayo babajije Yesu aho Ubwami bw’Imana buzozira, na we arabishura ati: “Ubwami bw’Imana ntibuza mu buryo bubonwa n’amaso, 21kandi nta wuzovuga ngo: ‘Ehe buri hano’ canke ngo: ‘Ehe buri hariya.’ Kuko Ubwami bw’Imana buri hagati muri mwebwe.”
22Aca abwira abigishwa biwe ati: “Hazogera igihe mwipfuza kubona n’umusi umwe mu misi y’Umwana w’Umuntu, ariko ntimuzowubona. 23Abantu bazobabwira bati: ‘Ehe ari hariya!’ Canke ngo: ‘Ehe ari hano!’ Ntimuze mujeyo canke ngo mubakurikire. 24Kuko nk’uko umuravyo uravya ukaboneshereza ijuru ryose, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza ku musi wiwe. 25Ariko azobanza kubabazwa cane no kwankwa n’abantu b’iki gihe.
26 Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe c’Umwana w’Umuntu. 27Bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika umusi Nowa yinjiye mu bwato, maze umwuzure ukaza ukabatikiza bose.
28 Ni ko vyari bimeze no mu gihe ca Loti. Bararya, baranywa, barasuma, baradandaza, bararima, barubaka amazu, 29gushika umusi Loti yaviriye i Sodomu, maze umuriro n’ibizuku bikoroka bivuye mw’ijuru, birabarigita bose.
30 Ni ko bizoba no ku musi Umwana w’Umuntu azohishurirwako. 31Kuri uwo musi, uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntazosubire mu nzu kurondera ivyiwe. N’uwuzoba ari mu murima, ntaze asubire i muhira. 32Mwibuke ivyashikiye muka Loti. 33Uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzobuheba azobukiza. 34Ndababwire, abantu babiri bazoba baryamye ku buriri bumwe, umwe azojanwa, uwundi asigare. 35Abagore babiri bazoba bariko barasya hamwe, umwe ajanwe, uwundi asigare. [ 36Abagabo babiri bazoba bari kumwe mu murima, umwe ajanwe, uwundi asigare.”]#17:36 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.
37Maze abigishwa baramubaza bati: “None ivyo bizobera he ga Mwami?”
Na we arabishura ati: “Aho umuvyimba uzoba uri, ni ho ibikona bizokoranira.”