1
Luka 24:49
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Umve, ngira mbarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw ijuru.
Vergleichen
Studiere Luka 24:49
2
Luka 24:6
Ntari hano, ariko yāzutse. Mwibuke uko yababgiye, akir’ i Galilaya
Studiere Luka 24:6
3
Luka 24:31-32
Uruhuni rubava ku maso, baramumenya: maz’ arakamangana, ntibāba bakimubona. Baravugana, bati Mbeg’ imitima yacu ko yarikw iragurugumba, aho yarikw aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe!
Studiere Luka 24:31-32
4
Luka 24:46-47
Arababgira, ati Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bāpfuye ku musi ugira gatatu, kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.
Studiere Luka 24:46-47
5
Luka 24:2-3
Basanga ikibuye gitembagajwe kivuye ku mva; binjirayo ntibāsangamw’ ikiziga c’Umwami Yesu.
Studiere Luka 24:2-3
Hauptbildschirm
Bibel
Lesepläne
Videos