1
Yohana 4:24
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Imana ni Mpwemu, kand’ abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.
Σύγκριση
Διαβάστε Yohana 4:24
2
Yohana 4:23
Arikw igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo.
Διαβάστε Yohana 4:23
3
Yohana 4:14
arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.
Διαβάστε Yohana 4:14
4
Yohana 4:10
Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.
Διαβάστε Yohana 4:10
5
Yohana 4:34
Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.
Διαβάστε Yohana 4:34
6
Yohana 4:11
Wa mugore aramwishura, ati Mugenzi, kw ata co kuvomesha ufise, kand’ iriba rikaba ari rirerire, non’ ayo mazi y’ubugingo uyakūra hehe?
Διαβάστε Yohana 4:11
7
Yohana 4:25-26
Nya mugore aramubgira, ati Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo; uwo ah’ azozira ni we azoduserurira vyose. Yesu aramubgira, ati Ni jewe nyene turiko turavugana.
Διαβάστε Yohana 4:25-26
8
Yohana 4:29
ati Ni muze murābe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose: namb’ ari we Kristo?
Διαβάστε Yohana 4:29
Αρχική
Αγία Γραφή
Σχέδια
Βίντεο