1
Luka 17:19
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Kand’ aramubarira, ati Va hasi, ugende; ukwizera kwawe kuragukijije.
Vertaa
Tutki Luka 17:19
2
Luka 17:4
Kandi ni yakugirira nabi indwi ku musi umwe, agahindukira ibihetangabo ndwi, akubgira, ati Ndihannye; uz’ ubimuharire.
Tutki Luka 17:4
3
Luka 17:15-16
Umwe muri bo, abonye akize, agaruka ahimbaza Imana n’ijwi rirenga; yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushima: kand’ uwo yar’ Umusamariya.
Tutki Luka 17:15-16
4
Luka 17:3
Mwirinde; mugenzawe ni yakora icaha, umuhanūre; ni yihana, umuharire.
Tutki Luka 17:3
5
Luka 17:17
Yesu arabaza, ati Ntibahumanutse bose ukw ar’ icumi? Abandi cenda bari hehe?
Tutki Luka 17:17
6
Luka 17:6
Umwami arabishura, ati Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobarira iki giti c’umusukamino, muti Randuka, ubadikwe mu kiyaga, kandi cobumvira.
Tutki Luka 17:6
7
Luka 17:33
Ūzogerageza gukiza ubugingo bgiwe azobubura; arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe azoburokora.
Tutki Luka 17:33
8
Luka 17:1-2
Kand’ abgira abigishwa biwe, at’ Ibitsitaza abantu ntibizobura kuza, arik’ ūbizana azobona ibara. Ivyoba vyiza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga, hakw atsitaza n’umwe mur’ aba bato.
Tutki Luka 17:1-2
9
Luka 17:26-27
Kand’ uko vyari biri mu misi ya Nowa, ni ko bizoba mu misi y’Umwana w’umuntu: bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, umwuzure ukaza ukabahonnya bose.
Tutki Luka 17:26-27
Koti
Raamattu
Suunnitelmat
Videot