1
Mariko 13:13
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.
Vertaa
Tutki Mariko 13:13
2
Mariko 13:33
Nuko rero mwame mugavye, muterame, kuko mutazi aho ico gihe kizoshikira.
Tutki Mariko 13:33
3
Mariko 13:11
Nibabafata bakabashengeza, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga. Muze muvuge ico muzohabwa ako kanya, kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu Yera.
Tutki Mariko 13:11
4
Mariko 13:31
Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.
Tutki Mariko 13:31
5
Mariko 13:32
Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru, canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.
Tutki Mariko 13:32
6
Mariko 13:7
Nimwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.
Tutki Mariko 13:7
7
Mariko 13:35-37
None rero mube maso kuko mutazi igihe nyene inzu azogarukirako; hashobora kuba ku mugoroba, mu gicugu, mw’ijoro rishira ubuca canke kare mu gitondo. Niyaza giturumbuka, ntaze asange musinziriye. Ibi ndabibwiye mwebwe, ndabibwira n’abandi bose: ‘Nimube maso!’ ”
Tutki Mariko 13:35-37
8
Mariko 13:8
Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba nyamugigima n’amapfa. Ariko ivyo bizoba ari nk’intango y’ibise.
Tutki Mariko 13:8
9
Mariko 13:10
Kuko Ubutumwa Bwiza butegerezwa kubanza kuvugwa mu mahanga yose.
Tutki Mariko 13:10
10
Mariko 13:6
kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga bati: ‘Ni jewe Kristo!’ kandi bazozimiza benshi.
Tutki Mariko 13:6
11
Mariko 13:9
Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’ubucamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo mushingire intahe imbere yabo.
Tutki Mariko 13:9
12
Mariko 13:22
Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.
Tutki Mariko 13:22
13
Mariko 13:24-25
Muri iyo misi, inyuma y’ayo makuba, ‘izuba rizocura umwijima, n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha, inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru, kandi n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’
Tutki Mariko 13:24-25
Koti
Raamattu
Suunnitelmat
Videot