1
Mariko 5:34
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe.”
Vertaa
Tutki Mariko 5:34
2
Mariko 5:25-26
Muri bo harimwo n’umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri arwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso. Yari yarivuje ku baganga benshi kandi atanga ivyo yari afise vyose, ariko aho gukira abandanya aremba.
Tutki Mariko 5:25-26
3
Mariko 5:29
Ubwo nyene ya maraso arahagarara, yumva mu mubiri wiwe ko akize ingwara yiwe.
Tutki Mariko 5:29
4
Mariko 5:41
Amufata ukuboko aramubwira ati: “Talita Kumi!” (bisigura ngo: “Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!”)
Tutki Mariko 5:41
5
Mariko 5:35-36
Yesu akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, baramubwira bati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Ni kuki ubandanya ugora umwigisha?” Yesu yumvise ivyo bavuze, aca abwira Yayiro ati: “Ntutinye, wizere gusa.”
Tutki Mariko 5:35-36
6
Mariko 5:8-9
Ivyo yabivuze kuko Yesu yari ahejeje kuvuga ati: “Wa mpwemu mbi we, muvemwo!” Yesu aramubaza ati: “Witwa nde?” Na we arishura ati: “Nitwa Gitero, kuko turi benshi.”
Tutki Mariko 5:8-9
Koti
Raamattu
Suunnitelmat
Videot