1
Mariko 9:23
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Yesu aravuga ati: “Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze?’ Vyose bishobokera uwizera.”
Vertaa
Tutki Mariko 9:23
2
Mariko 9:24
Ubwo nyene se wa wa mwana arasemerera ati: “Ndizera! Ariko mfasha kuko mfise ukwizera guke!”
Tutki Mariko 9:24
3
Mariko 9:28-29
Mu nyuma y’ivyo, Yesu yinjiye mu nzu, abigishwa biwe baramubaza biherereye bati: “Ni kuki twebwe vyatunaniye kwirukana irya dayimoni?” Arabishura ati: “Ugusenga kwonyene ni kwo gushobora kwirukana impwemu nk’irya.”
Tutki Mariko 9:28-29
4
Mariko 9:50
Umunyu ni ngirakamaro. Ariko iyo utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Mugire ibiranga umunyu muri mwebwe kandi mubane amahoro.”
Tutki Mariko 9:50
5
Mariko 9:37
“Umuntu wese yakira umwe muri aba bana bato mw’izina ryanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye wese ntaba yakiriye jewe gusa, ahubwo aba yakiriye uwantumye.”
Tutki Mariko 9:37
6
Mariko 9:41
Ndababwire ukuri, umuntu wese abahaye igikombe c’amazi mw’izina ryanje kuko muri aba Kristo, ntazobura kubihererwa impera.
Tutki Mariko 9:41
7
Mariko 9:42
Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agatererwa mu kiyaga.
Tutki Mariko 9:42
8
Mariko 9:47
Ijisho ryawe niryatuma ukora icaha, rinogore. Vyokubera vyiza kwinjira mu Bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi
Tutki Mariko 9:47
Koti
Raamattu
Suunnitelmat
Videot