Yohana 5

5
Uwar’ arwariye ku kidengeri citwa Betesida
1Hanyuma y’ivyo haba imisi mikuru y’Abayuda; Yesu adūga i Yerusalemu.
2Kand’ i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, hār’ ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, carikw amabaraza atanu. 3Muri yo hari haryamye abantu benshi barwaye, n’impumyi, n’abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bāri barorereye kw amazi azīkuruka. 4Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.] 5Hārih’ umuntu yar’ afise indwara ayimaranye imyaka mirongwitatu n’umunani. 6Yesu amubonye aryamyeho, kand’ amenye kw amaze igihe kirekire, aramubaza, ati Wumva ugomba gukira? 7Uno arwaye aramwishura, ati Mugenzi, nta muntu mfise wo kunyinikīra mu kidengeri iy’amazi azīkurutse: kuko ngira ngo ndaza uwundi akantanga gushungurukiramwo. 8#Mat 9:6.Yesu aramubgira, ati Va hasi, ikorere ikirago cawe, ugende. 9#Yoh 9:14.Buno nyene uwo muntu arakira, yikorera ikirago ciwe, aragenda.
Arik’ uwo musi hari kw isabato. 10#Yer 17:21; Luk 6:2.Nukw Abayuda babgira uwakijijwe, bat’ Erega ni kw isabato: ntivyemerwa ko wikorera ikirago cawe. 11Na we arabishura, at’ Uwankijije ni we yambariye at’ Ikorere ikirago cawe, ugende. 12#Luk 5:21.Baramubaza, bat’ Uyo muntu ni nde yakubariye ngw Ikorere ugende? 13Arik’ uwakijijwe ntiyar’ azi uw’ ari we, kuko Yesu yaciye yīgīra, kukw aho hantu hār’ abantu benshi. 14#Yoh 8:11.Hanyuma y’ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubgira, ati Rāba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuz’ ubone ibiruta ivya mbere. 15Uno muntu aragenda, abgira Abayuda kw ari Yesu yamukijije. 16#Mat 12:14.Ni co catumye Abayuda bahama Yesu, kuko yakoze ivyo kw isabato. 17#Yoh 9:4.Yesu arababgira, ati Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora. 18#Yoh 7:30; 10:33.Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kukw atākēngereye isabato gusa, arikw agatakw akīta Imana kw ari Se bgite, akīringaniza n’Imana.
Ububasha bga Yesu aho buva
19 # Yoh 3:11, 32. Nuko Yesu asubira kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kukw ivyo Se akora vyose n’Umwana aca abikora kuno. 20#Yoh 3:35.Kuko Se akunda Umwana, akamwereka ivy’ akora vyose ubgiwe, kand’ azomwereka ibikorwa biruta ivyo, kugira ngo mwebge mutangare. 21Nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo abo agomba. 22#Dan 7:13, 14; Ivyak 17:31.Kuko Se ata n’umwe acira urubanza, arikw imanza zose yazishikirije Umwana, 23#Flp 2:10, 11; 1 Yoh 2:23; Luk 10:16.ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se; ūtubaha Umwana ntaba yubaha Se yamutumye. 24#Yoh 3:16, 18; 8:51; 1 Yoh 3:14.N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja, arikw aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo. 25#Mat 8:22; Ef 2:5, 6.N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’ abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’ abazoryumva bazoba bazima. 26#Yoh 1:1-4.Nk’uko Se ari n’ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubugingo muri we na we. 27#Dan 7:10, 14; Yoh 5:22.Yamuhaye ububasha bgo guca imanza, kukw ar’ Umwana w’umuntu. 28Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’ abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, 29#Yoh 6:40; Dan 12:2; Mat 16:27.bakazivamwo; abākoze ivyiza bakazukira ubugingo, abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka.
30 # Yoh 5:19; 6:38. Nta co nshobora gukora nigeneye; uko numvise ni ko nca urubanza, kand’ urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba.
Igishingira intahe Yesu
31 # Yoh 8:14. Asangwa nishingira intahe, intahe yanje ntizoba ar’ iy’ ukuri; 32#Yoh 5:36, 37; 1 Yoh 5:9.ariko har’ Uwundi anshingira intahe, nanje nzi yukw intahe yiwe anshingira ar’ iy’ ukuri. 33#Yoh 1:19-34.Mwebge mwatumye kuri Yohana, ashingira ukuri intahe, 34mugabo jewe sindinda gushingirwa intahe n’umuntu; arikw ico mvugiye ivyo n’ukugira ngo mukizwe. 35#Luk 1:17.Uwo yar’ itara ryaka rikabonesha, kandi namwe mwamaze igihe muhimbawe n’ukwaka kwiwe. 36#1 Yoh 5:9; Yoh 1:33; 3:2.Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye. 37#Mat 3:17; Gus 4:12.Kandi Data yantumye ni we anshingira intahe. Nta ho murumva ijwi ryiwe, kandi ntimurabona ishusho yiwe, 38bitayeko ntimufise ijambo ryiwe riguma muri mwebge, kuk’ uwo yatumye mutamwizeye. 39#Luk 24:27, 44; 2 Tim 3:15-17; 1 Pet 1:11.Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe, 40ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo.
41Singomba gushimwa n’abantu, 42ariko mwebge ndabazi yuko mutagira urukundo rw’Imana mu mitima yanyu. 43#Mat 24:5.Jewe naje mw izina rya Data, ntimwanyakīra: ni hagira uwundi aza mw izina ryiwe ubgiwe, we muzomwākīra. 44#Yoh 12:43; Mat 23:5-7.Mwoshobora kwizera mute, ari mwebge mwubahana, arikw icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera? 45#Gus 31:26.Ntimugire ngo nzobarega kuri Data: harih’ ūbarega, ni Mose uwo mwishimiye. 46#Ita 3:15; 49:10; Gus 18:15.Iyo mwizera Mose, nanje muba munyizeye, kukw ar’ ivyanje yanditse. 47#Yoh 7:19; Luk 16:31.Ariko ni mutizera ivy’ uwo yanditse, amajambo yanje muzoyizera mute?

Tällä hetkellä valittuna:

Yohana 5: RUN1967

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään