Matayo 19

19
Yesu yigisha ku bijanye n’ukwahukana
1Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca ava i Galilaya, amanuka mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani. 2Abantu benshi baramukurikira, akirizayo abarwaye babo.
3Bamwe mu Bafarisayo baza aho ari bashaka kumutega umutego, bamubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe bivuye ku mvo iyo ari yo yose?”
4Yesu arabishura ati: “Ntimurasoma ko mu ntango Umuremyi yabaremye ari umugabo n’umugore,#19:4 Itanguriro 1:27 5hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze naho ari babiri bakaba umubiri umwe?’#19:5 Itanguriro 2:24 6Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”
7Baramubaza bati: “None ni kuki Mose yategetse ko umugabo yandikira umugore urwandiko rwemeza ko bavavanuye, hanyuma akamwirukana?”
8Yesu arabishura ati: “Mose yabemereye kwirukana abagore banyu, kuko imitima yanyu ikomantaye. Ariko mu ntango ntivyari bimeze uko. 9Kandi ndababwire, umuntu wese yirukana umugore atamuhoye ubusambanyi, hanyuma akarongora uwundi, aba asambanye.”
10Abigishwa biwe baramubwira bati: “Aho ho rero nimba ivy’abagabo n’abagore bimeze uko, umuntu yopfuma areka kurongora.”
11Yesu arabishura ati: “Si bose bashobora kwemera iyi nyigisho kiretse abo Imana ibishoboje. 12Kuko hariho bamwe bavutse ari inkone, hari n’ababaye inkone babigizwe n’abandi, hakaba rero n’abahisemwo kutarongora kubera Ubwami bw’ijuru. Uwushobora kuvyemera avyemere.”
Yesu ahezagira abana bato
13Abavyeyi bamwe bazanye abana babo ngo Yesu abarambikeko ibiganza abasengere. Ariko abigishwa barabakankamira ngo ntibamugore.
14Maze Yesu arababwira ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo.” 15Amaze kubarambikako ibiganza abahezagira aca ava ngaho.
Ubutunzi n’Ubwami bw’Imana
16Hanyuma haza umusore umwe, aramubaza ati: “Mwigisha, iciza nokora ni ikihe kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”
17Yesu aramwishura ati: “Ni kuki umbaza ivyerekeye iciza? Umwiza ni umwe. Nimba ugomba kwinjira mu bugingo, kurikiza amabwirizwa.”
18Na we ati: “Amabwirizwa ayahe?”
Yesu aramwishura ati: “ ‘Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, 19wubahe so na nyoko,’#19:19 Abalewi 19:18 kandi ‘ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’#19:19 Kuvayo 20:12-16; Gusubiramwo 5:16-20
20Wa musore aramwishura ati: “Ayo yose narayakurikije. None ikindi nkwiye gukora ni igiki?”
21Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”
22Uwo musore avyumvise, aca agenda ababaye, kuko yari afise ubutunzi bwinshi cane.
23Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ndababwire ukuri, biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’ijuru. 24Kandi ndabisubiyemwo: vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana!”
25Abigishwa bavyumvise baratangara cane, hanyuma baramubaza bati: “None nimba biri uko, ni nde ashobora kurokoka?”
26Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: “Ku bantu ntibishoboka. Ariko ku Mana vyose birashoboka.”
27Petero aramwishura ati: “None ko twebwe twasize vyose tukagukurikira, tuzoronka iki?”
28Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, mu gihe c’isi nsha, aho Umwana w’Umuntu azokwicarira ku ntebe yiwe y’icubahiro, mwebwe mwankurikiye, muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, mucira imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli. 29Kandi nta muntu n’umwe yasize inzu, canke abavukanyi, canke se, canke nyina, canke umugore, canke abana, canke amatongo kubera izina ryanje, atazobishumbushwa incuro ijana kandi akaragwa n’ubugingo budashira. 30Ariko benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo babe ab’imbere.

Tällä hetkellä valittuna:

Matayo 19: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään