Mariko 16

16
Ukuzuka kwa Yesu
1Isabato iheze, Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo na Salome baja kugura amavuta amota neza kugira ngo baje kuyasiga umubiri wa Yesu. 2Kare mu gitondo ku musi wa mbere utangura indwi, izuba riserutse, bafata inzira baja ku mva. 3Bariko baragenda barabazanya bati: “Ni nde aja kudukurira ca kibuye ku bwinjiriro bw’imva?”
4Ariko bahashitse, bararaba babona ca kibuye camaze kuvaho. 5Binjiye mu mva, babona umuntu asa n’umusore yambaye ikanzu yera cane, yicaye ku ruhande rw’i buryo, maze bagira ubwoba.
6Na we arabaremesha ati: “Ntimugire ubwoba! Ndazi ko murondera Yesu w’i Nazareti, umwe babamba. Ntari hano kuko yazutse! Nimuze murabe aho bari baryamitse ikiziga ciwe! 7Nimugende mubibwire abigishwa biwe, na canecane Petero, ko Yesu agiye kubarindirira i Galilaya. Aho ni ho muzomusanga nk’uko yabibabwiye.”
8Nuko ba bagore barasohoka barahunga baja kure ya ya mva bajugumira kandi bazazaniwe, ntibagira n’umwe babibwira kuko bari bafise ubwoba bwinshi.
[ 9Yesu amaze kuzuka, mu gatondo ku musi wa mbere w’indwi, yabanje kwiyereka Mariya Magadalena, uwo yari yarirukanyemwo abadayimoni indwi. 10Na we aca aja kubwira abigishwa iyo nkuru. Abigishwa bari bakigandaye, bamuririra. 11Naho bari bumvise ko Yesu ari muzima kandi ko yamwiboneye, ntibizeye ivyo ababwiye.
12Inyuma y’aho Yesu arongera yiyereka, mu bundi buryo, babiri bo muri bo bariko baja mu gihugu hagati. 13Maze baca baragaruka babibwira abandi, ariko na bo nyene ntibizera ivyo bababwiye.
14Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.
15Arababwira ati: “Nimugende mw’isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose. 16Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza. 17Kandi ibi ni vyo bimenyetso bizoboneka ku bizera: bazokwirukana abadayimoni mw’izina ryanje, bazovuga indimi nshasha, 18bazofata inzoka mu biganza vyabo; kandi nibanywa ivyica, nta co bizobagira. Bazorambika ibiganza ku barwaye, kandi bazokira.”
19Umwami Yesu ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru, yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana. 20Hanyuma abigishwa baca baja mu mihingo yose bavuga Ubutumwa Bwiza, kandi Umwami Yesu akorana na bo, ashingira intahe Ijambo ryiwe biciye mu bitangaza vyarikurikira.]#16:9-20 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.

Tällä hetkellä valittuna:

Mariko 16: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään