Mariko 6

6
Ab’i Nazareti banka kwizera Yesu
1Nuko Yesu ava aho aja i Nazareti, igisagara yakuriyemwo, ajanye n’abigishwa biwe. 2Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane.
Barabazanya bati: “Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he? 3Mbega uwu si wa mubaji, nyina si Mariya, abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Yuda na Simoni? Bashiki biwe si ababanyi bacu?” Maze ivyo birabatsitaza, bituma batamwizera.
4Yesu arababwira ati: “Uwuvugishwa n’Imana arubahwa hose kiretse iwabo no mu muryango wiwe.” 5Nta gitangaza yahakoreye kiretse abantu bake yarambitseko ibiganza, arabasengera, barakira. 6Maze atangazwa cane n’ukutizera kwabo.
Yesu arungika abigishwa biwe cumi na babiri
Nuko Yesu agendagenda yigisha, ava mu mihana aja mu yindi. 7Akoranya abigishwa biwe cumi na babiri, abarungika ari babiri babiri, abaha ububasha bwo kwirukana impwemu zihumanye.
8Ababwira abihanikiriza ati: “Ntihagire ikintu na kimwe mujana ku rugendo kiretse inkoni yo kwishimikiza. Ntimujane ivyokurya, amasakoshi, canke amafaranga mu mipfuko yanyu. 9Mwambare ibirato kandi ntihagire impuzu yo gukuranya mutwara. 10Inzu muzokwinjiramwo bakabakira, muze muyigumemwo kugeza muvuye aho hantu. 11Nimwaja ahantu bakanka kubakira canke kubumviriza, muze mukunkumure umukungugu wo ku birenge vyanyu, muhave. Ico kizobabera ikimenyetso co kubagiriza.”
12Nuko baragenda bigisha abantu ivyo kwihana; 13birukana abadayimoni benshi kandi basiga amavuta abarwaye benshi, barabasengera barakira.
Herode azazanirwa n’ivya Yesu
14Muri iyo misi, Umwami Herode Antipa yumva inkuru za Yesu kuko yari yamaze kumenyekana cane. Bamwe bavuga bati: “Yohana Umubatizi yazutse, ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza.”
15Abandi bavuga bati: “Ni Eliya.”
Hariho n’abandi babavuga bati: “Ni uwuvugishwa n’Imana, asa n’umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera.”
16Ariko Herode avyumvise aravuga ati: “Ko Yohana ari jewe namuciye umutwe, yoba yazutse!”
17Herode Antipa ubwiwe ni we yari yatanze itegeko ryo gufata Yohana, kumuboha no kumupfunga. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya, uwo yari yararongoye kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana. 18Kuko Yohana yama abwira Herode ati: “Ntivyemewe ko urongora umugore w’uwo muvukana.” 19Ivyo vyatumye Herodiya amwanka urunuka, yipfuza kumwica. Ariko ntiyabishobora, 20kuko Herode yatinya Yohana akamukingira. Yari amuzi nk’umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane. Igihe cose yamwumviriza, ivyiwe vyaramubuza amahoro, ariko kandi agakunda kumwumviriza.
21Maze igihe kimwe Herodiya aronka akaryo. Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka ryiwe, Herode yateguye umusi mukuru atumira abategetsi bakurubakuru bo ku ngoma yiwe, abo mu gisoda hamwe n’abatware bo mu ntara ya Galilaya. 22Maze umukobwa wa Herodiya araza aratamba, anezereza cane Herode n’abatumire biwe.
Umwami aca abwira uwo mukobwa ati: “Nsaba ico ushaka cose, ndakiguha.” 23Ivyo yabimwemereye ashizeko indahiro ati: “Ico unsaba cose ndakiguha, naho coba igice c’ubwami bwanje.”
24Wa mukobwa arasohoka abaza nyina ati: “Nsabe iki?”
Na we aramwishura ati: “Saba umutwe wa Yohana Umubatizi!”
25Ubwo nyene wa mukobwa ariruka asubira aho umwami ari, aramubwira ati: “Nsavye ko umpa ubu nyene umutwe wa Yohana Umubatizi kw’isiniya!”
26Maze umwami Herode arababara cane, ariko kubera indahiro yarahiye imbere y’abatumire, ntiyashobora kumwankira ico asavye. 27Nuko aca arungika umusoda amutegeka kuzana umutwe wa Yohana. Wa musoda aja mw’ibohero, aca umutwe Yohana, 28agaruka awuzanye kw’isiniya, awuha wa mukobwa na we awuha nyina. 29Abigishwa ba Yohana bavyumvise baraza batora ikiziga ciwe baja kugihamba.
Yesu agaburira abantu ibihumbi batanu
30Intumwa zigarutse zikoranira aho Yesu ari, zimwiganira ivyo zakoze n’ivyo zigishije. 31Kubera hari uruja n’uruza rw’abantu benshi ku buryo batashobora no kuronka akaryo ko gufungura, Yesu aca ababwira ati: “Nimuze tuje mu kibanza gitekanye, turuhuke.”
32Nuko bafata ubwato baja ahantu hiherereye. 33Ariko benshi bababona bakiva aho hantu, barabamenya, baca bava mu bisagara vyinshi bariruka n’amaguru, babatangayo. 34Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera ikigongwe, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere. Nuko atangura kubigisha vyinshi.
35Buriko burira, abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: “Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira. 36Rungika aba bantu baje mu misozi no mu mihana yo hafi kugira ngo bigurire ivyo barya.”
37Yesu arabishura ati: “Nimubagaburire mwebwe nyene.”
Na bo baramubwira bati: “Mbega twokura hehe idenariyo amajana abiri zo kugura ivyokurya bikwiye aba bantu?”
38Yesu arababaza ati: “Mufise imikate ingahe? Genda murabe.”
Bagarutse bamubwira bati: “Dufise imikate itanu n’ifi zibiri.”
39Nuko abatuma kwicarika abantu mu mirwi ahantu hari ubwatsi butotahaye. 40Bicara mu mirwi y’abantu ijana ijana na mirongo itanu itanu. 41Yesu afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa ngo bagaburire abantu. Abagaburira na za fi bose. 42Nuko bose bararya kandi barahaga. 43Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri y’ivyasigaye kuri ya mikate na za fi. 44Abariye bari abagabo ibihumbi bitanu.
Yesu agendera hejuru ku mazi
45Hanyuma y’ivyo, Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka i Betesayida; na we asigare arasezera abantu. 46Ahejeje kubasezera, aca aduga ku musozi gusenga.
47Bumaze kwira, bwa bwato bwari bugeze hagati mu kiyaga, Yesu we yari akiri ku musozi. 48Akiri aho, abona ko abigishwa biwe bafise ingorane nyinshi mu gusoza kuko umuyaga waza ubaturutse imbere. Ijoro ryitereye bugiye guca, aza aho bari, agendagenda ku mazi, asa n’uwugira abarengane. 49Bamubonye agendera ku mazi, bagira ngo ni umuzimu, baca bakoma induru, 50kuko bose bari bagize ubwoba bwinshi.
Aca arababwira ati: “Humura! Ni jewe. Ntimugire ubwoba.” 51Nuko atambukira mu bwato maze umuyaga uca urahagarara. Na bo baratangara cane, 52kuko na ca gitangaza c’imikate batari bwagitahure, bitumwe n’uko imitima yabo yari ikomantajwe n’ukutizera.
53Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti, babohera ubwato i musozi. 54Bururutse ubwato, abantu barababona, bamenyamwo Yesu. 55Baca bakwiragira muri ako karere kose bazana abantu barwaye ku nderuzo#6:55 Igikoresho kimeze nk’uburiri batwarako umurwayi., bakabajana aho bumvise ko Yesu ari hose. 56Kandi aho yaja hose, haba mu mihana, mu bisagara canke mu misozi, abantu bazana abarwaye babo bakabashira ahabona, maze bakamwinginga ngo abareke bakore ku musozo w’impuzu yiwe, kandi ababukorako bose baca bakira.

Tällä hetkellä valittuna:

Mariko 6: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään