Yohana 2
2
Ubukwe bg’i Kana
1 #
Yoh 1:43. Ku musi ugira gatatu haba ubukwe i Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yar’ ari. 2Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n’abigishwa biwe. 3Maze vino ikamye, nyina wa Yesu aramubarira, ati Nta vino bafise. 4#Yoh 19:26; Mat 12:48; Mrk 1:24.Yesu aramwishura, ati Duhūriye hehe ga nyina wanje? Igihe canje ntikiragera. 5Nyina abgira abasuku, at’ Ic’ ababgira cose mugikore. 6#Mrk 7:3, 4.Hārih’ impange z’intango zitandatu z’amazi zabājwe mu mabuye, zateretsweho kubg’ ukwihumānura nk’uk’ umugenzo w’Abayuda war’ uri, imwe‐imwe yuzuzwa n’ibibindi bibiri canke bitatu. 7Yesu arababarira, ati Ni mwuzuze izo ntango amazi. Bazuzuza kugeza ku mbiga. 8Arababarira, ati Mudahe ubu nyene, mushīre umuteretsi mukuru. Baramushīra. 9Umuteretsi yumvirije amazi yāhindutse vino, ntiyamenye iy’ ivuye, arikw abasuku bādashe amazi bari babizi; uwo muteretsi ahamagara umukwe, 10aramubgira, at’ Umuntu wese ahora abanza gutereka vino ziryoshe, maze bāhimba akabaha izitaryoshe: ariko weho iziryoshe ni zo wabītse gushitsa ubu.
11 #
Yoh 1:14; 11:40. Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera. 12#Yoh 7:3; Mat 4:13.Hanyuma y’ivyo amanuka i Kaperinawumu, bo na nyina na bene nyina n’abigishwa biwe, amaray’ imisi itari myinshi.
Yesu ahumanura urusengero
13Kandi Pasika y’Abayuda yari hafi; Yesu adūga i Yerusalemu. 14#Mat 21:12, 13; Mrk 11:15-17; Luk 19:45, 46.Asanga mu rusengero abadandarizah’ inka n’intama n’inuma, n’abavunja amahera bicaye. 15Atsiba imigozi ayigira nk’ikimoko, abahinda mu rusengero bose, n’intama n’inka, asēsa amahera y’abariko baravunja, ahenura ameza yabo. 16#Luk 2:49.Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro. 17#Zab 69:9.Abigishwa biwe bibuka ko handitswe, ngw Ishaka ry’inzu yawe rizondya.
18 #
Mat 21:23; Yoh 3:2. Abayuda baramubaza, bat’ Utwereka ikimenyetso ki, gituma ukora ivyo? 19#Mat 26:61; 27:40.Yesu arabishura, ati Musambure uru rusengero, nanje nzoruhagarika mu misi itatu. 20Maz’ Abayuda bat’ Uru rusengero rwubatswe imyaka mirongwine n’itandatu: none wewe uzoruhagarika mu misi itatu? 21#1 Kor 6:19.Ariko we yavuga urusengero rw’umubiri wiwe. 22Nukw amaze kuzurwa mu bāpfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze.
23Kandi yar’i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora. 24Ariko Yesu we ntiyabīshimira, kuko yar’ azi abantu bose, 25#Mrk 2:8.ntiyarinda ko hogira ūshingira intahe ivy’ umuntu, kuk’ ubgiwe yar’ azi ibiri mu muntu.
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967