Luka 15

15
Umugani w’intama yazimiye
1Abatozakori bose n’abanyavyaha bāriko baramwēgēra, ngo bamwumve. 2#Luk 5:30.Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe barīdodomba, bat’ Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.
3Abacira uyu mugani, 4#Ezk 34:11, 16; Luk 19:10.ati Hogira umuntu muri mwebge afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongwicenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza ah’ ayibonera?#Mat 18:12-14. 5Iy’ ayibonye, ayiterera ku bitugu anezerewe; 6yashika mu rugo, agahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababgira, ati Tunezeranwe, kuko mbonye intama yanje yari yāzimiye. 7Ndababgira yuko mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye, bakamurutisha abagororotsi mirongwicenda n’icenda batarinda kwihana.
Umugani w’ihera rizimiye
8Cank’ umugore yogira amahera cumi, akabura rimwe, ntiyodomeka itara, agakubura inzu, akarondera ashishikaye kugeza ah’ aribonera? 9Iy’ aribonye, ahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababgira, ati Tunezeranwe, kuko mbonye ihera nari nājimije. 10#Ef 3:10.Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’ umunyavyaha umwe yihannye.
Umugani w’umwana w’icāngāzi
11Kand’ arababgira, ati Hābaye umuntu yar’ afise abahungu babiri. 12Umuhererezi abgira se, ati Data, mpa umugabane w’ibintu notwaye. Abagaburira itunga ryiwe. 13#Imig 29:3.Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu. 14Abimaze vyose, ikigoyi gikomeye gitera mur’ ico gihugu, atangura gufutana. 15Aragenda, ashumba ku muntu wo mur’ ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube. 16#Imig 23:31.Yifuza guhāzwa n’ibishishwa ingurube zārya, ntihāgira ūmunūtsa. 17Yisubiyemwo, aribgira, at’ Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahāzwa n’ivyo kurya bakabisigaza, nanje jeho inzara irikw iranyicira hano. 18#Yer 3:12, 13; Zab 51:4.Mve hasi, nje kwa data, mmubgire, nti Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, 19singikwiye kwitwa umwana wawe: pfuma ungira umucangero wawe. 20Ava hasi, aja kwa se. Se amubona akiri kure, amutera akagongwe, arirukanga, amugwa mw izosi, aramugumbira. 21Wa muhungu aramubgira, ati Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe. 22Maze se abarira abashumba biwe, ati Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge, 23muzane ya shūri inuze, muyibāge, turye tunezerwe: 24#Ef 2:1, 5; 5:14.kuk’ uyu mwana wanje yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse. Nuko batangura kunezerwa.
25Arik’ umwana wiwe w’imfura yari mu ndimiro; arikw araza, agira ashike ku nzu, yumva inanga n’imihamirizo. 26Ahamagara umwe mu bashumba, amubaza ibibaye ivy’ ari vyo. 27Aramwishura, ati Murumunāwe yaje, so yamubāgiye ya shūri inuze, kukw amubonye agikomeye. 28#Luk 15:2.Araraka, yanka kwinjira: se arasohoka, aramwinginga. 29Maz’ abgira se, ati Rāba iyi myaka ingana irtya ngukorera, nta ho nigeze kwanka ico wangezeko, nanje nta ho wigeze kumpa n’agasuguru, ngo nnezeranwe n’abagenzi. 30Maz’ uyo mwana wawe aje, yakomvye ivyawe abisambanisha, umubāgira ishūri inuze. 31#Yoh 17:10.Na we aramubgira, ati Mwana wanje, tubana imisi yose, kand’ ivyanje vyose n’ivyawe: 32arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.

Цяпер абрана:

Luka 15: RUN1967

Пазнака

Падзяліцца

Капіяваць

None

Хочаце, каб вашыя адзнакі былі захаваны на ўсіх вашых прыладах? Зарэгіструйцеся або ўвайдзіце