Nuko muka Potifari atangura kumwipfuza, aramubwira ati: “Ingo turyamane!”
Ariko Yosefu aramwankira ati: “Urabona ko databuja ata kintu kimuraje ishinga, kuko yanjeje ivyo mu nzu yiwe vyose. Nta muntu n’umwe muri iyi nzu andusha ububasha. Nta kintu na kimwe databuja yisigarije kiretse wewe, kuko uri umugore wiwe. None nokwubahuka gute gukora ikibi nk’ico, ngacumura ku Mana?”