1
Itanguriro 50:20
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Mwebwe mwashaka kunkorera ikibi, ariko Imana yahinduye ico kibi iciza. Yanshize muri kino kibanza kugira ngo ikize ubuzima bw’abantu benshi.
Compare
Explore Itanguriro 50:20
2
Itanguriro 50:19
Ariko Yosefu arababwira ati: “Ntimugire ubwoba, erega jewe sindi mu kibanza c’Imana.
Explore Itanguriro 50:19
3
Itanguriro 50:21
Nuko rero ntimusubire kugira ubwoba, nzobandanya ndabitaho mwebwe n’abana banyu.” Uko ni ko yabaremesheje, ababwira amajambo meza.
Explore Itanguriro 50:21
4
Itanguriro 50:17
‘Muze mubwire Yosefu muti: Aragusavye uze uharire bene so icaha n’ikibi kibishe bagukoreye, igihe bakugirira ibitagirwa.’ None turakwinginze uduharire icaha cacu twebwe abakozi b’Imana ya so.” Yosefu yumvise ayo majambo, aca ararira.
Explore Itanguriro 50:17
5
Itanguriro 50:24
Umusi umwe Yosefu abwira bene se ati: “Jewe ngiye gupfa. Ariko Imana izobagendera ibatabare, ibakure muri iki gihugu, ibajane mu gihugu yarahiye ko izoha Aburahamu, Isaka na Yakobo.”
Explore Itanguriro 50:24
6
Itanguriro 50:25
Nuko Yosefu arahiza bene Isirayeli ati: “Imana niyabagendera ikabashoboza gusubira mu gihugu canyu, mundahire ko muzojana amagufa yanje mukayakura muri kino gihugu.”
Explore Itanguriro 50:25
7
Itanguriro 50:26
Nuko Yosefu apfa afise imyaka ijana na cumi, bategura umubiri wiwe n’amavuta amota kugira ngo ntiwononekare, bamushira mw’isandugu ikozwe mw’ibuye muri Egiputa.
Explore Itanguriro 50:26