1
Itanguriro 49:10
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Icumu ry’ubugabe ntirizova mu muryango wa Yuda, kandi inkoni yo kuganza ntizova mu ruvyaro rwiwe kugeza aho nyeneyo azozira, uwo ni we amahanga yose azokwumvira.
Compare
Explore Itanguriro 49:10
2
Itanguriro 49:22-23
Yosefu ni uruzabibu rwama cane, ni uruzabibu rwama cane ruri hafi y’umugezi, amashami yarwo arakura akarenga uruzitiro. Abantu baramuteye bamurasa imyampi n’umururazi; baramurashe n’urwanko rwinshi.
Explore Itanguriro 49:22-23
3
Itanguriro 49:24-25
Ariko umuheto wiwe wagumanye ubukomezi bwawo, amaboko yiwe akomezwa n’ukuboko kw’inkomezi kw’Inyenkomezi ya Yakobo, n’Umwungere, ari we Gitandara ca Isirayeli. Imana ya so izogufasha, Iyishoboravyose izoguhezagira imihezagiro yo hejuru mw’ijuru, imihezagiro yo mu mazi hasi, n’imihezagiro y’ibere n’imbanyi.
Explore Itanguriro 49:24-25
4
Itanguriro 49:8-9
Yuda, bene so bazogushimagiza; kandi ukuboko kwawe kuzofata abansi bawe kw’izosi; abahungu ba so bazokwunamira. Yuda, mwana wanje, uri intambwe ikiri nto; igarutse ihejeje kurya ico yishe. Aravyuka, akicara nk’intambwe, nk’intambwe y’ingore, ni nde yoyitegeka kuvyuka?
Explore Itanguriro 49:8-9
5
Itanguriro 49:3-4
Reyubeni, ni wewe mfura yanje, inkomezi zanje, umwana wo mu buto bwanje, urusha abandi iteka n’inkomezi. Umeze nk’amazi atagira uburagamo, ariko ntukibaye uwa mbere, kuko wuriye uburiri bwa so, ugahumanya aho ndyama.
Explore Itanguriro 49:3-4