Nuko ahezagira Yosefu avuga ati:
“Imana ya data Isaka na sogokuru Aburahamu
bagendeye imbere mu bwizigirwa,
Imana yambereye umwungere
ubuzima bwanje bwose gushitsa uwu musi;
umumarayika yandokoye akankiza ikibi cose,
ihezagire aba bahungu.
Baze bahamagarwe mw’izina ryanje
no mu mazina ya Aburahamu na Isaka,
kandi baze bagwire cane
kw’isi.”