YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 48

48
Manase na Efurayimu
1Haheze igihe gito, Yosefu yumva ko se agwaye. Nuko Yosefu aja kumuraba ajanye n’abahungu biwe babiri, Manase na Efurayimu. 2Nuko babwira Yakobo bati: “Umuhungu wawe Yosefu araje kukuraba.” Isirayeli aca arinanata yicara ku buriri bwiwe.
3Abwira Yosefu ati: “Imana Mushoboravyose yanyiyerekeye i Luzi mu gihugu c’i Kanani, irahampezagirira. 4Irambwira iti: ‘Nzokugwiza, uruvyaro rwawe ndarugire rwinshi cane. Muri wewe hazova amahanga menshi, kandi nzoha iki gihugu c’i Kanani uruvyaro rwawe kibe icabo bwegu ibihe vyose.’
5Aba bahungu bawe wavyariye muri Egiputa imbere y’uko ndahaza, ndabafata nk’abanje. Efurayimu na Manase ni abana banje nk’uko Reyubeni na Simeyoni ari abanje. 6Abo uzovyara inyuma yabo, bazoba abana bawe kandi bazoragwa amatongo mu bice bizohabwa bene se Efurayimu na Manase. 7Igihe nariko ndava i Padani, Rasheli yapfiriye mu gihugu c’i Kanani. Twari tukiri mu nzira twerekeye muri Efurata, ari ho i Betelehemu. Aho ni ho namuhamvye mu mubabaro mwinshi, i ruhande y’inzira ija muri Efurata.”
8Isirayeli abonye abahungu ba Yosefu, arabaza ati: “Aba ni ba nde?”
9Yosefu aramwishura ati: “Aba ni abahungu Imana yampereye hano muri Egiputa.”
Yakobo aravuga ati: “Banyegereze, ndabahezagire.”
10Isirayeli yasa n’uwabaye impumyi kubera ubusaza, ntiyari akibona neza. Nuko Yosefu amwegereza ba bahungu, Yakobo arabasoma yongera arabagumbira.
11Isirayeli abwira Yosefu ati: “Sinigeze nibaza ko nzosubira kukubona, ariko raba Imana yampaye no kubona abana bawe na bo!”
12Maze Yosefu akura ba bahungu ku mavi ya Isirayeli, arunama ashika hasi. 13Hanyuma afata ba bahungu biwe, Efurayimu amutumbereza i buryo bwiwe, atumberanye n’ukubamfu kwa Isirayeli; Manase na we amushira i bubamfu bwiwe, atumberanye n’ukuryo kwa Yakobo; maze yongera kubegereza sekuru. 14Ariko Isirayeli agorora amaboko yiwe ayanyuranije ukuryo agushira ku mutwe wa Efurayimu, naho ari we yari muto; hanyuma ukubamfu kwiwe agushira ku mutwe wa Manase, naho Manase ari we yari imfura.
15Nuko ahezagira Yosefu avuga ati:
“Imana ya data Isaka na sogokuru Aburahamu
bagendeye imbere mu bwizigirwa,
Imana yambereye umwungere
ubuzima bwanje bwose gushitsa uwu musi;
16umumarayika yandokoye akankiza ikibi cose,
ihezagire aba bahungu.
Baze bahamagarwe mw’izina ryanje
no mu mazina ya Aburahamu na Isaka,
kandi baze bagwire cane
kw’isi.”
17Yosefu abonye ko se yashize ukuryo kwiwe ku mutwe wa Efurayimu, ntivyamunezera. Nuko afata ukuboko kwa se ngo agukure ku mutwe wa Efurayimu, agushire ku mutwe wa Manase. 18Yosefu abwira se ati: “Oya data, uwu ni we mfura yanje, ba ari we ushirako ukuryo kwawe ku mutwe.”
19Ariko se aranka, avuga ati: “Ndabizi, mwana wanje; ndabizi. Na we azohinduka ihanga, kandi na we azoba umuntu akomeye. Ariko murumunawe azomuruta, kandi uruvyaro rwiwe ruzohinduka amahanga menshi cane.” 20Uwo musi arabahezagira, avuga ati:
“Abisirayeli bazotanga imihezagiro bakoresheje amazina yanyu bati:
‘Imana ize iguhe kumera nka Efurayimu na Manase.’ ”
Nuko Yakobo ashira Efurayimu imbere ya Manase.
21Isirayeli abwira Yosefu ati: “Raba ngiye gupfa, ariko Imana izobana namwe kandi izobasubiza mu gihugu ca ba sogokuruza banyu. 22Kandi wewe, nguhaye umugabane urenze ku yo nahaye bene so, nguhaye akarere nanyaze Abamori nkoresheje inkota n’umuheto vyanje.”

Currently Selected:

Itanguriro 48: BKC

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in