Itanguriro 49
49
Yakobo ahezagira abahungu biwe
1Nuko Yakobo akoranya abahungu biwe aravuga ati: “Nimukoranire i ruhande yanje kugira ngo ndababwire ibizobashikira mu misi igiye kuza.
2Nimwegere hafi mwumvirize, bahungu ba Yakobo;
nimwumvirize so Isirayeli.
3Reyubeni, ni wewe mfura yanje,
inkomezi zanje, umwana wo mu buto bwanje,
urusha abandi iteka n’inkomezi.
4Umeze nk’amazi atagira uburagamo, ariko ntukibaye uwa mbere,
kuko wuriye uburiri bwa so,
ugahumanya aho ndyama.
5Simeyoni na Lewi baravukana;
ibigwanisho vyabo ni ivyo gukora ibara.
6Sinze nigere nja mu nama zabo,
canke ngo nje aho bakoraniye,
kuko bishe abantu kubera ishavu,
banezerezwa no gukomeretsa impfizi.
7Ishavu ryabo rirakavumwa, kuko ni iry’inkazi;
kandi ugushangashirwa kwabo ni ukw’abicanyi.
Nzobashwiragiriza mu ruvyaro rwa Yakobo,
ndabasabagirize muri Isirayeli.
8Yuda, bene so bazogushimagiza;
kandi ukuboko kwawe kuzofata abansi bawe kw’izosi;
abahungu ba so bazokwunamira.
9Yuda, mwana wanje, uri intambwe ikiri nto;
igarutse ihejeje kurya ico yishe.
Aravyuka, akicara nk’intambwe,
nk’intambwe y’ingore, ni nde yoyitegeka kuvyuka?
10Icumu ry’ubugabe ntirizova mu muryango wa Yuda,
kandi inkoni yo kuganza ntizova mu ruvyaro rwiwe
kugeza aho nyeneyo azozira,
uwo ni we amahanga yose azokwumvira.
11Azozirika indogoba yiwe ku muzabibu,
inyana y’indogoba yiwe ayizirike ku muzabibu uruta iyindi;
azomesa impuzu ziwe mu muvinyu,
amakanzu yiwe ayamese mu maraso y’inzabibu.
12Amaso yiwe azokwakaka kubera umuvinyu,
amenyo yiwe yere kurusha amata.
13Zebuloni azoba ku nkengera z’ibiyaga,
acike ikivuko c’amato;
imbibe ziwe zizoshika i Sidoni.
14Isakari ni indogoba ikomeye cane
iryamye hagati y’impongore zibiri z’intama.
15Abonye ingene ikibanza ciwe co kuruhukiramwo ari ciza,
n’ingene itongo ryiwe ari ryiza,
azotega ibitugu vyiwe vyikorere imitwaro,
akore ibikorwa vy’ubugurano.
16Dani azotunganiriza abantu biwe,
nk’umwe mu miryango ya Isirayeli.
17Dani azomera nk’inzoka i ruhande y’ibarabara,
nk’inkoma i ruhande y’inzira
ikomora amaguru y’ifarasi
kugira ngo uwuyigenderako agwe agaramye.
18 Uhoraho, nditeze agakiza kawe!
19Gadi azoterwa n’umugwi w’abambuzi,
ariko azobivuna abatere bariko barahunga.
20Asheri azogira ivyokurya vyinshi;
azotanga ivyokurya bikwiye umwami.
21Nafutali ni ingeregere izituye,
avuga amajambo aryoshe cane.
22Yosefu ni uruzabibu rwama cane,
ni uruzabibu rwama cane ruri hafi y’umugezi,
amashami yarwo arakura akarenga uruzitiro.
23Abantu baramuteye bamurasa imyampi n’umururazi;
baramurashe n’urwanko rwinshi.
24Ariko umuheto wiwe wagumanye ubukomezi bwawo,
amaboko yiwe akomezwa
n’ukuboko kw’inkomezi kw’Inyenkomezi ya Yakobo,
n’Umwungere, ari we Gitandara ca Isirayeli.
25Imana ya so izogufasha,
Iyishoboravyose izoguhezagira
imihezagiro yo hejuru mw’ijuru,
imihezagiro yo mu mazi hasi,
n’imihezagiro y’ibere n’imbanyi.
26Imihezagiro ya so ni mikuru
kurusha imihezagiro y’imisozi ya kera,
kurusha ivyiza vy’imitumba ya kera cane.
Ivyo vyose bibe ku mutwe wa Yosefu,
ku ruhanga rw’umuganwa muri bene se.
27Benyamini ni ibingira ry’amarara;
mu gitondo arya igikoko yishe,
ku mugoroba akagabura ivyavuye mu ruhigi.”
28Iyo ni yo miryango icumi n’ibiri ya Isirayeli, kandi ivyo ni vyo yababwiye igihe yabahezagira, umwumwe wese akamuha umuhezagiro wiwe.
Urupfu rwa Yakobo
29Hanyuma Yakobo abihanikiriza avuga ati: “Ngiye gupfa vuba, mpamvye ba sogokuruza. Muze mumpambe hambavu ya ba sogokuruza mw’isenga riri mw’itongo rya Efuroni Umuheti. 30Ni rya senga riri mw’itongo rya Makapela, hafi y’i Mamure mu gihugu c’i Kanani, iryo Aburahamu yaguriye Efuroni, Umuheti nk’itongo ryo guhambamwo. 31Aho ni ho bahamvye Aburahamu na Sara umugore wiwe, na Isaka na Rebeka umugore wiwe ni ho bahambwe, kandi ni ho nahamvye Leya. 32Iryo tongo n’isenga riri muri ryo vyaguzwe ku Baheti.”
33Ahejeje kubwira abana biwe ayo majambo, Yakobo yuriza amaguru yiwe ku buriri, aracikana, ahamvya ba sekuruza.
Currently Selected:
Itanguriro 49: BKC
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.