Ivyo vyari vyaranditswe mu gitabu c’amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya, aho yavuga ati:
“Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati:
‘Nimutegurire Uhoraho aho aca,
mugorore inzira agenderamwo!
Imyonga yose izokwuzuzwa iringanire,
imisozi n’udutumba vyose bizosenwa.
Amabarabara atagororotse azogororwa,
n’inzira zisivye zizosiburwa, ziringanizwe.
Kandi abantu bose bazobona agakiza k’Imana.’”