1
Mariko 14:36
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Aravuga ati: “Aba, Data, wewe vyose biragushobokera. Ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe nshaka, yamara bibe uko wewe ushaka.”
Compare
Explore Mariko 14:36
2
Mariko 14:38
Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Umutima urabikunze, ariko umubiri ufise intege nke.”
Explore Mariko 14:38
3
Mariko 14:9
Ndababwire ukuri, kw’isi yose aho ubu Butumwa Bwiza buzovugwa, ibi akoze bizovugwa, bitume yama yibukwa.”
Explore Mariko 14:9
4
Mariko 14:34
Arababwira ati: “Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje.”
Explore Mariko 14:34
5
Mariko 14:22
Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye, uwu ni umubiri wanje.”
Explore Mariko 14:22
6
Mariko 14:23-24
Yongera afata igikombe, ahejeje kugishimira Imana, agiha abigishwa biwe, maze bose bakinywako. Arababwira ati: “Aya ni amaraso yanje y’isezerano hagati y’Imana n’abantu bayo, asesetse ku bwa benshi.
Explore Mariko 14:23-24
7
Mariko 14:27
Yesu arababwira ati: “Mwese muhava muhunga, munte jenyene. Kuko Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zisanzare.’
Explore Mariko 14:27
8
Mariko 14:42
Nimuvyuke tugende kuko uwangurishije arashitse.”
Explore Mariko 14:42
9
Mariko 14:30
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, imbere yuko isake ibika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”
Explore Mariko 14:30
Home
Bible
Plans
Videos