YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 14

14
Yesu asigirwa amavuta i Betaniya
1Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri ngo Umusi Mukuru wa Pasika n’Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro ishike. Kandi abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko gufata Yesu mu kinyegero kugira ngo bamwice. 2Barumvikana bati: “Ntidukwiye kumufata mu gihe c’imisi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”
3Ico gihe Yesu yari i Betaniya mu nzu kwa Simoni, yahoze ari umunyamibembe. Ariko arafungura, haza umugore afise icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada. Nuko yugurura rya cupa, asuka ya mavuta ku mutwe wa Yesu.
4Bamwe mu bari aho bongorerana bababaye bati: “Ni kuki yononye ayo mavuta? 5Iyo agurishwa yari kuvamwo idenariyo zirenga amajana atatu,#14:5 amafaranga arenga impembo y’umuntu ku mwaka wose maze ayo mafaranga agafasha aboro.” Banegura cane ivyo uwo mugore akoze.
6Yesu arababwira ati: “Mbega uwu mugore mumugorera iki? Ankoreye ikintu ciza. 7Aboro muzokwamana, kandi murashobora kubafasha igihe cose mubishakiye. Ariko jewe ntimuzonyamana. 8Akoze ivyo ashoboye. Asutse aya mavuta ku mubiri wanje imbere y’igihe, kugira ngo awutegurire guhambwa. 9Ndababwire ukuri, kw’isi yose aho ubu Butumwa Bwiza buzovugwa, ibi akoze bizovugwa, bitume yama yibukwa.”
10Hanyuma, Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, aragenda aja kuvugana n’abakuru b’abaherezi ingene yobashikiriza Yesu. 11Maze vyo birabanezereza cane baca bamwemerera amahera; na we aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubashikiriza.
Yesu asangira n’abigishwa biwe ubwa nyuma
12Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’Imikate itarimwo umwambiro, hari umugenzo wo gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama wa Pasika. Nuko abigishwa babaza Yesu bati: “Ni hehe ugomba ko tugutegurira ivyokurya vya Pasika?”
13Nuko arungika bibiri mu bigishwa biwe, arababwira ati: “Nimugende mu gisagara, mu nzira muraja guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi, muce mumukurikira. 14Ashitse aho agiye, mubwire nyene urugo ko Umwigisha ashaka kumenya ahari icumba c’abashitsi aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe. 15Nawe araja kubereka icumba kinini co hejuru, kirimwo ibikenewe vyose. Aho abe ariho mudutegurira ivya Pasika.”
16Nuko ba bigishwa baragenda, baja mu gisagara basanga ibintu bimeze nk’uko Yesu yabibabwiye, baca bategura ivyokurya vya Pasika.
17Hageze ku mugoroba, Yesu aca arashika ari kumwe n’abigishwa biwe cumi na babiri. 18Bariko barafungura, Yesu aravuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe turiko turasangira ahava angurisha.”
19Abigishwa baca barababara, umwe wese aramubaza ati: “Yoba ari jewe?”
20Arabishura ati: “Ni umwe muri mwebwe cumi na babiri, uwo twahurije ukuboko mw’isahani. 21Umwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Ariko aragowe uwo muntu amugurishije! Vyari kumubera vyiza iyo atavuka!”
22Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye, uwu ni umubiri wanje.”
23Yongera afata igikombe, ahejeje kugishimira Imana, agiha abigishwa biwe, maze bose bakinywako.
24Arababwira ati: “Aya ni amaraso yanje y’isezerano hagati y’Imana n’abantu bayo, asesetse ku bwa benshi. 25Ndababwire ukuri, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira kuwunywa ari mushasha mu Bwami bw’Imana.”
26Bahejeje kuririmba barasohoka baja ku Musozi wa Elayono.
Yesu avuga ko Petero ahava amwihakana
27Yesu arababwira ati: “Mwese muhava muhunga, munte jenyene. Kuko Ivyanditswe bivuga ngo:
‘Nzokubita umwungere,
intama zisanzare.’ # 14:27 Zekariya 13:7
28 Ariko maze kuzuka, nzobatanga kuja i Galilaya ndabarindirireyo.”
29Petero aramubwira ati: “Naho bose boguta bagahunga, jewe sinzoguta.”
30Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, imbere yuko isake ibika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”
31Ariko Petero abisubiramwo ashimitse ati: “Sinshobora kukwihakana ngo sindakuzi naho vyonsaba gupfana na we.” N’abandi bigishwa bavuga amajambo nk’ayo.
I Getsemane
32Nuko baja ahantu hitwa Getsemane, maze Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Nimube muricaye ngaha nanje nje gusenga.” 33Nuko ajana na Petero, na Yakobo na Yohana maze atangura kugira agahinda kenshi cane no guhagarika umutima. 34Arababwira ati: “Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje.”
35Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga asaba ngo iyo saha imurengane. 36Aravuga ati: “Aba,#14:36 Aba bisigura “Data” mu rurimi rw’Icarameya Data, wewe vyose biragushobokera. Ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe nshaka, yamara bibe uko wewe ushaka.”
37Nuko agaruka aho abigishwa biwe bari asanga barasinziriye. Abaza Petero ati: “Simoni, urasinziriye? Ntiwashoboye kubana maso nanje n’isaha n’imwe? 38Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Umutima urabikunze, ariko umubiri ufise intege nke.”
39Asubira kwigira imbere, asenga asubiramwo ya majambo nyene. 40Agarutse, asanga basubiriye gusinzira, kuko amaso yabo yari aremerewe cane n’itiro, maze babura ico bamubwira.
41Agarutse aho bari ubugira gatatu, arababaza ati: “Mbega n’ubu muracasinziriye, muriruhukiye? Ehe, isaha irageze, Umwana w’Umuntu agira atangwe mu maboko y’abanyavyaha. 42Nimuvyuke tugende kuko uwangurishije arashitse.”
Bafata Yesu
43Yesu akiriko aravuga, Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe n’abatware.
44Yuda, uwari yamugurishije yari yabahaye ikimenyetso, ababwira ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we. Muce mumufata mumujane, kandi mumugumye cane!” 45Babashikiriye, Yuda agenda atumbereye Yesu, avuga ati: “Rabi!” Aca aramusoma. 46Nuko ba bantu bashorera amaboko kuri Yesu baramufata. 47Umwe mu bari hafi ya Yesu asokora inkota yiwe ayikubita umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi.
48Yesu aravuga ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje amahiri? 49Imisi yose namana namwe mu rusengero nigisha, ariko ntimwigeze mumfata. Ariko ibi bibaye kugira ngo Ivyanditswe bishike.” 50Nuko bose baramuta barahunga.
51Ariko umusore umwe agerageza gukurikira Yesu yambaye umutamana wonyene, na we nyene baza kumufata, 52aca abatana wa mutamana ahunga ari gusa.
Yesu imbere y’ubucamanza
53Nuko bafata Yesu bamujana mu rugo rw’umuherezi mukuru, ahari hakoraniye abakuru b’abaherezi, abatware, n’abigisha b’ivyagezwe. 54Petero aguma amukurikira agendera kure inyuma, maze ashika mu rugo rw’umuherezi mukuru, aca yicarana n’abarinzi b’urugo, yota umuriro.
55Abakuru b’abaherezi n’abagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda#14:55 inama nkuru y’idini bari abantu mirongo irindwi n’umwe bari barongowe n’umuherezi mukuru, bagerageza kurondera ibirego vyotuma Yesu acirwa urubanza rwo gupfa, ariko ntibaronka na kimwe. 56Bamwe mu bamwagiriza bagerageza kumubeshera, ariko ntibahuza ku vyo bamurega.
57Nuko bamwe barahaguruka bamwagiriza ibinyoma bati: 58“Twamwumvise avuga ati: ‘Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’abantu, hanyuma mu misi itatu nubake urundi, rutubatswe n’abantu.’ ” 59Ariko n’ivyo birego na vyo ntibabihurizako.
60Hanyuma umuherezi mukuru aca arahaguruka imbere ya bose, abaza Yesu ati: “None wewe nta co wireguza? Ibi birego bakwagiriza ubivugako iki?” 61Ariko Yesu arihorera ntiyagira ico amwishura.
Wa muherezi mukuru arongera aramubaza ati: “Uri Kristo, Umwana w’imwe ihezagiwe?”
62Yesu arishura ati: “Ndi we! Kandi muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”
63Wa muherezi mukuru yitaburirako impuzu ziwe, avuga ati: “None hari ibindi vyabona dukeneye? 64Ubu naho ntimwiyumviye ingene atutse Imana? Nimugire ico mubivuzeko.”
Bose baca bamucira urubanza ko akwiye gupfa! 65Bamwe batangura kumucirako; bamupfunga amaso, bamukubita ibipfunsi, bavuga bati: “Vugishwa, utubwire uwugukubise!” Hanyuma ba barinzi baca baramujana, bamukubita amakofe.
Petero avuga ko atazi Yesu
66Petero akiri hasi mu rugo, umwe mu bakobwa bakorera umuherezi mukuru aza aho ari. 67Abonye Petero ariko arota, aramwihweza cane.
Maze amubwira ati: “Na wewe wari kumwe na Yesu Umunyanazareti.”
68Ariko Petero arabihakana ati: “Sinzi kandi sintahura ivyo uriko uravuga!” Nuko aca ava mu rugo aja kw’irembo.
69Wa mukobwa abonye ko Petero ahagaze kw’irembo, aca abwira abari ngaho ati: “Uwu mugabo ni umwe mu bigishwa biwe!” 70Petero yongera kubihakana.
Haheze akanya, abari bahagaze hafi ya Petero baramubwira bati: “Ni ivy’ukuri uri umwe muri bo, kuko uva i Galilaya.”
71Petero atangura kurahira yisiba ati: “Ndabarahiye, uwo mugabo sindamuzi.”
72Uwo mwanya nyene isake ica ibika ubugira kabiri. Nuko Petero na we aca aribuka ijambo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Maze aca araturikisha ararira.

Currently Selected:

Mariko 14: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in