1
Mariko 4:39-40
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Nuko Yesu aravyuka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: “Hora, tekereza!” Wa muyaga uca urahagarara, haca haba agahwekere. Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni kuki mufise ubwoba? Mbega n’ubu nta kwizera mugira?”
Compare
Explore Mariko 4:39-40
2
Mariko 4:41
Ba bigishwa batinya cane, barabazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?”
Explore Mariko 4:41
3
Mariko 4:38
Yesu we yari yiryamiye inyuma mu bwato yiseguye. Abigishwa baramukangura, bamubwira bati: “Mwigisha, ntubabajwe n’uko tugira dupfe?”
Explore Mariko 4:38
4
Mariko 4:24
Yongera kubabwira ati: “Mushire imitima cane ku vyo mwumva! Kuko uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa, mbere kuri mwebwe bizorushiriza.
Explore Mariko 4:24
5
Mariko 4:26-27
Yesu yongera kubabwira ati: “Uku ni ko Ubwami bw’Imana bugereranywa: Iyo umuntu abivye imbuto mu murima wiwe, haba mw’ijoro canke ku murango, asinziriye canke ari maso, izo mbuto ziramera, zigakura, ariko we ntamenya uko bigenda.
Explore Mariko 4:26-27
6
Mariko 4:23
Uwufise amatwi yo kwumva niyumve!”
Explore Mariko 4:23
Home
Bible
Plans
Videos