YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 39

39
Ivyabaye kuri Yosefu ari kwa Potifari
1 # Ita 37:25, 28, 36. Yosefu bamumanukana muri Egiputa; maze Potifari, Umunyegiputa, umugendanyi wa Farawo, yaganza abamushibamira, amugura n’Abishimayeli bamumanukanyeyo. 2#Ita 21:22; 28:15; 1 Sam 16:18; 18:14; Ivyak 7:9.Uhoraho abana na Yosefu, bituma aroranirwa; aba mu rugo rwa shebuja Umunyegiputa. 3#2 Ngo 26:5; Zab 1:3.Shebuja abona yuk’ Uhoraho ari kumwe na we, kandi k’Uhoraho yamuhaye kugira ikiganza ciza ku co akoze cose. 4#Ita 18:3; 19:19.Yosefu atona kuri we, aba ingendanyi yiwe; maz’ amuhindura umubgiriza wo mu rugo rwiwe, amuzeza ivy’ afise vyose. 5#Ita 30:27.Maz’ uhereye igihe yamugize umubgiriza wo mu rugo rwiwe, akamuzeza ivy’ afise vyose, Uhoraho aca aha umugisha urugo rw’uwo Munyegiputa, kubga Yosefu; umugisha w’Uhoraho uba ku vyo yar’ afise vyose, vyo mu rugo n’ivyo mu ndimiro. 6#1 Sam 16:12.Yegurira Yosefu ivyo yar’ afise vyose; ntiyagira ikindi yibaza, atar’ ivy’ arya gusa. Kandi Yosefu yari mwiza w’umunyakaranga.
7Hanyuma y’ivyo, inabuja agomwa Yosefu, aramubgira, ati Ngo turyamane. 8#Ita 39:4.Maz’ ariyankira, yishura inabuja, at’ Erega databuja nta co yibazako ku vyo ngaba vyo mu rugo, mbere yanjeje ivy’ afise vyose; 9#2 Sam 12:13; Zab 51:4.nta wunduta mur’ uru rugo, kandi nta co yisigarije ngw akinyime atari wewe, kuk’ ur’ umugore wiwe: none noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana? 10Akama abibgira Yosefu uko bukeye, na we ntamwumvire, ngw aryamane na we, canke ngw agumane na we. 11Umusi ur’ izina yinjira mu nzu gukora igikorwa ciwe, ata bandi bagabo bo mur’ urwo rugo bari mu nzu. 12#Imig 7:13, 18.Uwo mugore asūmira impuzu yiwe, aramubgira, ati Ngo turyamane. Amutana impuzu yiwe, arahunga, arasohoka. 13Maz’ abonye kw amutanye impuzu yiwe agahunga agasohoka, 14atabaza abagabo b’abanyarugo, arababarira, at’ Ehe rāba yatuzaniye Umuheburayo wo kudukēngēra! Yaje iyo ndi ngw aryamane nanje, ndaheza ntabaza n’ijwi rirenga: 15maz’ abonye nshize ijwi hejuru ntabaje, antana impuzu yiwe, arahunga, arasohoka. 16Arekera iyo mpuzu i ruhande yiwe, gushitsa aho shebuja wa Yosefu atahiye. 17Maz’ amubgira amagambo amwe n’ayo, ati Wa mugurano w’ Umuheburayo watuzanira yazanywe iyo ndi n’agakēngērwe. 18Maze nanje nshize ijwi hejuru ntabaje, antana impuzu yiwe, arahunga, arasohoka.
19Maze shebuja yumvise amagambo umugore wiwe amubariye, y’ingen’ uwo mugurano wiwe yamugiriye, uburake bgiwe buraziriringa. 20#Ita 40:3, 5; 41:14; Zab 105:18.Nuko shebuja wa Yosefu aramufata, amushira mw ibohero, aho bārindira abo umwami aboshe: nukw aba ngaho mu nzu y’imbohe. 21#Ita 39:2, 4; Kuv 3:21; 11:3; 12:36; Zab 106:46; Dan 1:9; Ivyak 7:10.Arik’ Uhoraho aba kumwe na Yosefu, amugirira neza, amuha gutona ku murinzi w’ibohero. 22#Ita 40:4.Uwo murinzi aha Yosefu kugaba imbohe zose zari mur’ iryo bohero; ivyo bākorayo vyose, ni we yabikoresha. 23#Ita 39:2, 3.Umurinzi w’ ibohero ntiyagira ikintu yibaza ku vyo yamushikirije, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we; kand’ Uhoraho amuha kugira ikiganza ciza ku co akoze cose.

Currently Selected:

Itanguriro 39: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in