Itanguriro 40
40
Yosefu asobanura inzozi z’abanyarugo ba Farawo babiri
1 #
Neh 1:11. Hanyuma y’ivyo, umukevyi ahēreza igiturire umwami wa Egiputa, n’umusukūzi wiwe bacumura kuri shebuja, umwami wa Egiputa. 2Farawo arakira abo banyarugo biwe bompi, umukevyi mukuru n’umusukūzi mukuru. 3#Ita 37:36; 39:20.Abashirisha mw ibohero ryari mu rugo rw’uwaganza abashibamyi, aho Yosefu yar’ arindiwe. 4Uwaganza abashibamyi b’umwami abahēreza Yosefu, na we arabakorera. Bamaze igihe bari mw ibohero, 5wa mukevyi w’umwami wa Egiputa na wa musukūzi wiwe, barindiwe mur’ iryo bohero, bompi barotera ijoro rimwe, umwe iziwe uwundi iziwe, zigasobanurwa zimwe ukwazo izindi ukwazo. 6Maze mu gitondo Yosefu yinjira aho bari; abarāvye, abona bajonjogoye. 7Abaza abo banyarugo ba Farawo barindanywe mw ibohero ryo mu rugo rwa shebuja wiwe, ati Mbeg’ uyu musi ko mujonjogoye n’iki? 8#Dan 2:28.Baramwishura, bati N’uko twarose inzozi, kand’ akaba ata wushobora kuzidusobanurira. Yosefu arabishura, ati Mbeg’ Imana si yo Nyene gusobanura? Enda ni muzindotorere. 9Umukevyi mukuru arotorera Yosefu inzozi ziwe, ati Narose mbona umuzabibu imbere yanje, 10kand’ uwo muzabibu war’ ufise amashami atatu: mbona usa n’ūpfunditse, usambura amashurwe, amahando yawo arahishira; 11maz’ igikombe ca Farawo nari ngifise mu minwe, nuko nābīra izo nzabibu, nzikānyira muri co, ndaheza ngihēreza Farawo. 12#Ita 41:26, 27; Dan 2:36.Yosefu aramubarira, at’ Uku ni ko zisobanurwa: ayo mashami atatu n’imisi itatu; 13#Zab 3:3; Yer 52:31.imisi itatu itarashira Farawo azokubohora, agusubize kw ibango ryawe: kand’ uzohēreza Farawo igikombe nk’uko wahora ukora ur’umukevyi wiwe. 14Maz’ uz’ unyibuke, ni wamara kumererwa neza, uz’ untabare, ndakwinginze, umvugire kuri Farawo, unkūze mur’ iyi nzu. 15#Ita 37:28; 39:20.Kuko nasahuwe, nkūwe mu gihugu c’Abaheburayo: n’ino na ho nta caha nakoze cotumye banshira mur’ iri bohero.
16Wa musukūzi mukuru abonye kw amusobanuriye ivyiza, abarira Yosefu, ati Nanje narose nikoreye intimbiri zitatu z’imitsima y’ifu igogōretse; 17kand’ intimbiri yo hejuru y’izindi yarimw’ ivyo kurya bikaranze vy’uburyo bgose nshīra Farawo; maz’ ibisīga bibindīra ku mutwe, mur’ iyo ntimbiri. 18Yosefu aramwishura, at’ Uku ni ko zisobanurwa: izo ntimbiri zitatu n’imisi itatu; 19imisi itatu itarashira, Farawo azokubohora akumanike, ibisīga bikugabangane.
20 #
Mat 14:6; Mrk 6:21. Ku musi ugira gatatu, ari wo musi wo kwibuka ukuvuka kwa Farawo, atumirira amazimano abamenyekana biwe bose; araheza abohora wa mukevyi mukuru na wa musukūzi mukuru hagati y’abo bamenyekana. 21#Ita 40:13; Neh 2:1.Asubiza umukevyi mukuru mw ibango ryiwe, ahēreza Farawo igikombe; 22#Ita 40:19.maz’ amanika wa musukūzi mukuru, nk’uko Yosefu yabasobanuriye inzozi zabo. 23Ariko wa mukevyi mukuru ntiyaruha yibuka Yosefu: aramwibagira.
Currently Selected:
Itanguriro 40: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: