YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 41

41
Yosefu asobanurira Farawo inzozi ziwe
1Hahise imyaka ibiri yiramvuriye, Farawo arota ahagaze i ruhande y’uruzi. 2Agize artya abona mu ruzi havuye inka ndwi z’inyambo zivyibushe; zirisha mu rufunzo. 3Maz’ izindi nka ndwi zinanutse z’umwaku ziva mu ruzi, zirazikurikira; zihagararana na za zindi ku nkombe y’uruzi. 4Maze za nka zinanutse z’ umwaku zirya za zindi z’inyambo zivyibushe, ukw ari ndwi. Farawo araheza aribambura. 5Arongera aribikira, arota inzozi za kabiri; agize artya, abona imihuruhumbi ndwi y’ingano imeze ku giti kimwe, zitunungutse, nziza. 6#Ezk 17:10.Maze mu nyuma zayo haca hamera iyindi mihuruhumbi ndwi y’ibihumbirane, yumishijwe n’umuyaga uvuye i burasirazuba. 7Iyo mihuruhumbi y’ibihumbirane iyongobeza ya mihuruhumbi itunungutse itengengeye, ukw ari ndwi. Nuko Farawo aribambura, amenya kw ar’ inzozi.
8 # Kuv 7:11, 22; Dan 2:1, 3. Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira. 9Maze wa mukevyi mukuru abarira Farawo, at’ Uyu musi nibutse ivyaha vyanje! 10#Ita 40:2, 3.Ca gihe waturakira, twebge abasavyi bawe, ga Nyaguhora ku ngoma, ukanshirisha mw ibohero ryo mu rugo rw’ ūganza abashibamyi, twe n’umusukūzi mukuru; 11#Ita 40:5.nuko twaroteye ijoro rimwe twempi; turota inzozi zisobanurwa kubiri. 12#Ita 40:12-19.Twari kumwe n’umuhungu w’Umuheburayo aho hantu, umugurano w’ūganza abashibamyi; tumurotorera inzozi zacu, arazidusobanurira; nk’uko twazirose, azidusobanurira, umwe ukwiwe uwundi ukwiwe. 13#Ita 40:21, 22.Kand’ uko yazidusobanuriye ni ko vyashitse: jewe nashubijwe kw ibango ryanje, uwundi na we aramanikwa.
14 # 1 Sam 2:8; Zab 105:20; 113:7, 8; Dan 2:25. Maze Farawo atuma guhamagaza Yosefu, bamuturumbura mw ibohero n’ingoga, arimosha, yambara izindi mpuzu, arenguka kwa Farawo. 15#Dan 5:16.Farawo abarira Yosefu, ati Narose inzozi, none nta wushobora kuzinsobanurira: maze numvise bavuga ko wewe, bakurotorera inzozi gusa, ugashobora kuzisobanura. 16#Dan 2:28, 30.Yosefu yishura Farawo, ati Si jewe mbishobora, Nyaguhora ku ngoma, Imana ni yo ija kukwishura ivy’amahoro. 17#Ita 41:1-8.Nuko Farawo abarira Yosefu, ati Narose mpagaze ku nkombe y’uruzi: 18ngize ntya mbona mu ruzi havamw’ inka ndwi z’inyambo zivyibushe, zirisha mu rufunzo; 19maze zikurikirwa n’ izindi nka ndwi mbi‐mbi, zinanutse z’umwaku rwose; sinaribgabone inka zinganya ububi n’izo mu gihugu cose ca Egiputa. 20Izo nka zinanutse z’umwaku zirya za nka zivyibushe zabanje, ukw ari ndwi; 21zimaze kuzirya, ntiwomengo zaziriye, zikomeza kuba umwaku kwa kundi. Nuko ndikangura. 22Kandi nongera kurota, mbona imihuruhumbi ndwi y’ingano imeze ku giti kimwe, zitengengeye nziza; 23maze mu nyuma zayo haca hamera iyindi mihuruhumbi ndwi ikabiranye y’ibihumbirane, yumishijwe n’umuyaga uvuye i burasirazuba: 24iyo mihuruhumbi y’ibihumbirane iyongobeza ya mihuruhumbi myiza, ukw ari ndwi. Maze nzirotorera abanyamareba, ariko ntihagira ūshobora kuzinsobanurira.
25 # Dan 2:28, 29, 45. Yosefu abarira Farawo, at’ Inzozi zawe ni zimwe, Nyaguhora ku ngoma: ivyo Imana igira ikore yabikumenyesheje. 26Za nka ndwi nziza n’imyaka ndwi, na ya mihuruhumbi myiza n’imyaka ndwi nyene: inzozi ni zimwe. 27#2 Abam 8:1.Na za nka zinanutse z’umwaku zazikurikiye n’imyaka ndwi, na ya mihuruhumbi ndwi y’imishīshi yumishijwe n’umuyaga uvuye i burasirazuba, na yo n’uko: izoba imyaka ndwi y’ikigoyi. 28Ico ni co nakubariye, Nyaguhora ku ngoma, nt’ Ivyo Imana igira ikore yabikumenyesheje. 29Hazoba imyaka ndwi y’uburumbuke bginshi mu gihugu ca Egiputa iyo kiva kikagera: 30#Ita 45:6; 47:13.hanyuma hazokurikirakw imyaka ndwi y’ikigoyi, ubgo burumbuke bgose bgibagirane mu gihugu ca Egiputa; ico kigoyi kizokumba igihugu; 31ubgo burumbuke ntibuzoba bucibukwa, kubg’ ikigoyi kibukurikiye: kuko kizoba ari cinshi cane. 32#Guh 23:19; Yes 14:24.Kand’ icatumye urota izo nzozi kabiri n’ukw ivyo vyashinzwe n’ Imana, kand’ izobishitsa vuba. 33Nuko rero Nyaguhora ku ngoma, n’urondere umuntu w’umunyabgenge w’umuhanga, umuhe ubutware mu gihugu ca Egiputa. 34Kandi mugenzi, ushireho n’ abimburisha, bimburishe ikigira gatanu c’ivyera mu gihugu ca Egiputa, mur’ iyo myaka y’uburumbuke ukw ari ndwi. 35Bakoranye ivyo vyimburwa vyose vy’iyo myaka myiza igiye kuza, babungabunge mu bisagara imihure y’ impeke yo gutunga abantu, bayibike, igabge nawe, Nyaguhora ku ngoma. 36Kand’ izo ndya zizobera igihugu ibiziganirijwe iyo myaka ndwi y’ikigoyi kizotera mu gihugu ca Egiputa, kugira ngw igihugu coye guhona kubg’ ikigoyi.
Farawo aha Yosefu ubukuru muri Egiputa
37Iyo nama ishimwa na Farawo n’abishikira biwe bose. 38#Guh 27:18; Dan 4:8; 5:11.Farawo abaza abo bishikira biwe, ati Twobona hehe umuntu ameze nk’ uyu, arimw’ impwemu y’Imana? 39Farawo abarira Yosefu, ati Kw Imana ikweretse ivyo vyose, nta wundi munyabgenge w’umuhanga muhwanye; 40#Zab 105:21; Ivyak 7:10.nguhaye kugaba urugo rwanje, kand’ abantu banje bose baze bumvire ico uzovuga: ku ngoma yanje yonyene ni ho nzogusumba. 41#Ita 42:6; Umus 4:13, 14.Kandi Farawo yungamw’ abarira Yosefu, ati Rāba nguhaye kugaba igihugu cose ca Egiputa. 42#Est 3:10; 8:2, 15; Dan 5:29.Nuko Farawo aca yiyambura impeta irikw ikimenyetso, yo ku rutoke rwiwe, ayambika Yosefu ku rutoke, amwambika impuzu zera nziza, amwambika n’umugufu w’izahabu mw izosi, 43amuha kugendagendera mu mukogote wa kabiri ku wiwe; bakagenda barasemererera imbere yiwe, bati Ni mumupfukamire! Nukw amuha kugaba igihugu cose ca Egiputa. 44Farawo abarira Yosefu, ati Jewe Farawo ndabivuze: nta wuzotaramura ukuboko canke ngw ashingure ikirenge mu gihugu cose ca Egiputa, utavyemeye. 45Farawo yita Yosefu irindi zina, Safenati‐paneya: amushingira Asenati mwene Potifera, umuherezi wo mu gisagara Oni. Yosefu araheza agendagenda igihugu ca Egiputa.
46 # 1 Sam 16:21; 1 Abam 12:6, 8; Dan 1:19. Yosefu yar’ amaze imyaka mirongwitatu igihe yarenguka imbere ya Farawo. Nukw arijura, ava imbere ya Farawo, agendagenda igihugu cose ca Egiputa. 47Maze mu myaka y’uburumbuke, ukw ari ndwi, igihugu kirera, gisegenyura ivyo kurya. 48Akoranya imyimbu yose yo mur’ iyo myaka ndwi y’uburumbuke yo mu gihugu ca Egiputa, ayimburira mu bisagara: kand’ imirima ikikije igisagara cose akayimburira muri co. 49#Yos 11:4; Abac 7:12; 1 Sam 13:5; Zab 78:27.Nuko Yosefu abīka imihure y’impeke y’isinzi, nk’umusenyi wo ku kiyaga, gushitsa aho yarekeye guharūra, kuko bitari bigiharūrika.
50 # Ita 46:20; 48:5. Yosefu avyara abahungu babiri ikigoyi kitaratera, abavyara kuri Asenati mwene Potifera umuherezi wo mu gisagara Oni. 51Yosefu uw’imfura amwita Manase,#41:51 Manase risobanurwa ngo Kwibagiza. ati Kukw Imana yanyibagije ubutame bganje bgose n’abo mu nzu ya data bose. 52Uwa kabiri amwita Efurayimu,#41:52 Efurayimu risobanurwa ngo Kurondoka. ati Kukw Imana yampaye kurondokera mu gihugu nagorewemwo.
53Nuko ya myaka ndwi y’uburumbuke bgabaye mu gihugu ca Egiputa irarangira. 54#Zab 105:16; Ivyak 7:11.Ya myaka ndwi y’ikigoyi itangura gushirako, nk’uko Yosefu yavuze: ikigoyi gitera mu bihugu vyose, ariko mu gihugu cose ca Egiputa ho hār’ ivyo kurya. 55Maz’ igihe igihugu cose ca Egiputa gitewe n’ inzara, abantu batakambira Farawo ngw abahe ivyo barya. Farawo abarira Abanyegiputa bose, ati Ni muje kuri Yosefu: ico ababarira mugikore. 56#Ita 42:6; 47:14, 20, 24.Ikigoyi gisāngānya isi yose: maze Yosefu yugurura ibigega vyose, agurira Abanyegiputa; ikigoyi kirushiriza kuba cinshi mu gihugu ca Egiputa. 57#Ita 41:54, 56.Abo mu bihugu vyose baja muri Egiputa kuri Yosefu gusuma imihure y’impeke, kukw ikigoyi cari cinshi mw isi yose.

Currently Selected:

Itanguriro 41: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in