Itanguriro 42
42
Bene se wa Yosefu baja gusuma muri Egiputa
1 #
Ivyak 7:12. Maze Yakobo yumva ko muri Egiputa har’ amasumo; abaza abana biwe, ati N’iki gituma murābana? 2#Ita 43:8; Zab 33:18, 19.Kand’ ati Numvise yuko muri Egiputa har’ amasumo: enda ni mumanuke mujeyo, mudusumire, kugira ngo tubeho, twoye gupfa. 3Bene se ba Yosefu ukw ari cumi baramanuka, baja gusuma imihure y’impeke muri Egiputa. 4#Ita 35:18; 42:38.Ariko Benyamini, mwene nyina wa Yosefu, Yakobo ntiyamutumana na bakuru be, kuko yiyumvira, ati Kumbure yogira ic’ aba. 5Nuko bene Isirayeli bajana n’ abandi gusuma, kuko kigoyi cāteye mu gihugu c’i Kanani.
6 #
Ita 37:7, 9; 41:41. Kandi Yosefu yari yagizwe segaba w’igihugu ca Egiputa; ni we yasumira abo mur’ ico gihugu bose; nuko bene se ba Yosefu baraza, bakubita inkoro hasi, baramwunamira. 7Maze Yosefu abonye bene se arabamenya, yihindura nka murundi kuri bo, abatera imirarwe, ati Muva hehe? Baramwishura, bati Tuva mu gihugu c’i Kanani tuje gusuma. 8Yosefu amenya bene se, ariko bo ntibamumenya. 9#Ita 37:5, 9.Maze Yosefu yibuka za nzozi yarose kuri bo, arababarira, ati Mur’ abatasi! Muje kurāba ah’ igihugu coroshe! 10Baramwishura, bati Haba na mba, mugenzi: abasavyi bawe twangajwe no gusuma. 11Twese tuvuka kur’ umwe; tur’ abanyakuri, abasavyi bawe ntitur’ abatasi na gatoya. 12Arabishura, ati Na mba! Kurāba ah’ igihugu coroshe ni co kibazanye. 13#Ita 37:30.Baramwishura, bati Twebge abasavyi bawe twavukana tur’ icumi na babiri, tur’ ab’umuntu umwe wo mu gihugu c’i Kanani; umuhererezi yasigaranye na data, uwundi na we ntakiriho. 14Yosefu arabishura, at’ Aho rero, sinavuze ko mur’ abatasi? 15Iki ni co kizobeza: ndabarahiye Farawo mukazova ino umuhererezi wanyu adashitse aha! 16Ni mutume umwe muri mwebge, agende azane murumuna wanyu, namwe musigare mur’ imbohe, kugira ngw amagambo yanyu aseruke kw ar’ay’ ukuri: biramutse bitabaye birtyo, muzoba mur’ abatasi, ndabarahiye Farawo! 17Bose abamaza gatatu mw ibohero.
18 #
Lew 25:43; Neh 5:15. Ku musi ugira gatatu, Yosefu arababarira, at’ Enda genza murtya, mwoye gupfa, kuko ntinya Imana: 19namba mur’ abanyakuri, umwe muri mwebge asigare hano mw ibohero; abandi mugende, mujane imihure y’impeke yo kubamara inzara mu ngo zanyu: 20muheze munzanire umuhererezi wanyu; ni ho amagambo yanyu azomenyekana kw ar’ay’ ukuri, bikabakiza ntimupfe. Baca bagenza bartyo. 21#Ita 37:23-28; Yob 36:8, 9.Maze baravugana, bati Turikw inkurikizi ya murumuna wacu, s’ikindi, kuko twabonye intuntu yar’ afise mu mutima, hamwe yatwinginga, tukanka kumwumviriza; ni vyo bituzaniye ibi vyago. 22#Ita 9:5; 37:21, 22; 2 Ngo 24:22; Zab 9:12; Luk 11:50, 51.Maze Reyubeni arababgira, ati Sinababariye, nti Ntimugire ico mugira uwo mwana, mukanka kunyumvira? ni co gitumye amaraso yiwe aturondererwako. 23Ariko ntibamenya ko Yosefu abumva, kuko yasobanurirwa n’uwundi. 24Arora irya, ararira; araheza agaruka kuri bo, arabasigurira, abakūramwo Simeyoni, amubohera mu maso yabo. 25#Rom 12:17, 20.Maze Yosefu agera ko babuzuriza impeke amagunira yabo, kandi ngo basubize amahera y’umuntu wese mw igunira ryiwe, kandi ngo babahe n’impamba: babagirira bartyo.
26Baremēka indogoba zabo izo mpeke, bavayo baragenda. 27Maz’ aho barāye, umwe muri bo ahamburuye igunira ryiwe ngw agaburire indogoba yiwe, abona ya mahera yiwe, ari mu munwa w’igunira. 28Abarira bagenzi biwe, at’ Amahera yanje aragarutse! Eh’ ari mw igunira ryanje! Baranduka imitima, barābana bahinda agashitsi, bat’ Ibi n’ibiki, Imana itugiriye?
29Bashitse i muhira kwa se Yakobo, mu gihugu c’i Kanani, bamudōndera ivyababayeko vyose, 30#Ita 42:7, 9.bat’ Umugabo aganza ico gihugu yatubariye adutera imirarwe, atugirira nk’aho tur’ abatasi batata igihugu. 31Turamubarira, tuti Tur’ abanyakuri, ntitugira gutata na gatoya. 32Tuti Twavukana tur’icumi na babiri, dusangiye data umwe; tut’ Umwe ntakiriho, umuhererezi na we yasigaranye na data, mu gihugu c’i Kanani. 33#Ita 42:15, 19, 20.Uwo mugabo aganza ico gihugu, aratubarira, at’ Iki ni co kizommenyesha ko mur’ abanyakuri: ati Ni munsigarane umwe mu bo muvukana, mujane ivyo kubamara inzara mu ngo zanyu, mugende. 34#Ita 34:10.Ati Muheze munzanire umuhererezi wanyu; ati Ni ho nzomenya ko mutar’ abatasi, ariko ko mur’ abanyakuri; mpeze mbasubize mugenzi wanyu, mubone kugenda uburarame mur’ iki gihugu. 35#Ita 42:27.Maze bacuranuye ibiri mu magunira yabo, basanga itu ry’amahera ry’umuntu wese riri mw igunira ryiwe: abo bose bo na se babonye ayo matu yabo y’ amahera, baratinya.
36Se Yakobo arababarira, ati Muntōtōyekw abana: ehe Yosefu ntakiriho, na Simeyoni ntakiriho, none mugomba kunyaka na Benyamini: ivyo vyose ni jewe vyeguriweko! 37#Ita 46:9.Reyubeni abarira se, ati Ni ntamukugarukanira, uze wice abahungu banje bompi; n’ umumpe, nzomukugarukanira. 38#Ita 37:33, 35; 42:4.Aramwishura, at’ Umwana wanje ntazomanukana namwe; kuko mukuru we yapfuye, akaba asigaye ar’ ikinege: yogira ic’ aba mu nzira, mugatuma imvi zanje zimanukana umubabaro i kuzimu.
Currently Selected:
Itanguriro 42: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: