Bible App logo
Search Icon

Abalewi 10

10
Urupfu rwa Nadabu na Abihu
1 # Kuv 28:1; 30:9; Guh 3:4; 1 Ngo 24:2. Nadabu na Abihu, bene Aroni, bābīra ivyotero vyabo, bashiramw’ umuriro, bashirakw imibavu, bayosereza Uhoraho ku muriro urahuwe ahandi, uwo atabageze. 2#Lew 9:24; Guh 16:35.Haza umuriro uvuye imbere y’Uhoraho, urabīca, bagwa aho imbere yiwe. 3#Kuv 19:22; Yes 49:3; Ezk 20:41; 28:22.Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa. 4#Kuv 6:18, 22.Mose ahamagara Mishayeli na Elisafani, bene Uziyeli se wabo wa Aroni, arababarira, ati Ni mwīgire hano, muterure ab’i wanyu, mubakūre imbere y’ahēra, mubajane inyuma y’aho dushagaje. 5Nuko bīgira hafi, babaterura mu makanzo yabo, uko bakayambaye, babajana inyuma y’aho bashagaje, nk’uko Mose agize. 6#Lew 13:45; Guh 16:22, 46; Yos 7:1; Ezk 24:16, 17.Mose abarira Aroni n’abana biwe Eleyazari na Itamari, ati Ntimuhamburure imishatsi yanyu, canke ngo mutantamure impuzu zanyu, kugira ngo ntimupfe, kand’ Uhoraho ntarakire ikoraniro ryose; ariko bene wanyu, ab’ inzu yose ya Isirayeli, abe ari bo baborogeshwa n’ umuriro Uhoraho arekuye. 7#Lew 8:30; 21:12.Kandi ntimutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: kukw amavuta y’Uhoraho mwarobanujwe akiri kuri mwebge; nuko babigenza nk’uko Mose avuze.
Abaherezi babuzwa kunywa ibiboreza bakiri ku bikorwa
8Uhoraho abarira Aroni, 9#Ezk 44:21.ati Ntuze wigere unywa kuri vino canke ku kiboreza na kimwe, mwe n’abana bawe, igihe mugira mwinjire mw ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: ico kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, 10#Ezk 22:26; 44:23.kugira ngo mubone uko mutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, n’ibihumanya n’ ibidahumanya, 11#Neh 8:2, 8; Yer 18:18; Mal 2:7.kandi kugira ngo mwigishe Abisirayeli ivyagezwe vyose narungikanye Mose.
Ivy’ imituri y’abaherezi
12 # Lew 6:16, 17; Guh 18:9, 10. Mose abarira Aroni n’abana biwe basigaye, Eleyazari na Itamari, ati Ni mujane ivyasigaye kuri rya shikanwa ry’ifu ryo mu mashikanwa yashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro, mubirīre i ruhande y’igicaniro bitarimw’ umwambiro: kukw ar’ ivyera cane. 13Nuko mubirīre ahantu hēra, kukw ar’ umuturi wawe n’uw’ abana bawe, wo ku mashikanwa ashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro; kuk’ ukw ari ko nabariwe. 14#Kuv 29:26-28; Lew 7:31-34; Guh 18:11.Na ya nkoro yashikanishijwe kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru cagerewe abaherezi, mubirīre ahantu hadahumanye, mwe n’abahungu bawe n’abakobga bawe; kukw ari vyo wagerewe ngo bibe umuturi wawe, n’uw’ abahungu bawe, wo ku bimazi vy’ishimwe Abisirayeli bashikanye. 15Igikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi bo n’inkoro yo kuzunguzwa, baze bahore babizanana n’ishikanwa ry’ibinure ryo gutōngōrwa n’umuriro, ngo babizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho: ivyo bizoba ivyawe n’ivy’ abana bawe, bibe umuturi wanyu w’intahava, nk’uk’ Uhoraho yageze.
Mose arondera ikimazi catangiwe ivyaha, asanga bagituriye
16 # Lew 9:3, 15. Mose abariritsa ca kimazi c’impene catangiwe ivyaha, asanga catongotse. Arakira bene Aroni basigaye, Eleyazari na Itamari, arababaza, 17#Lew 6:26, 29.ati Mwabujijwe n’iki kurya ca kimazi catangiwe ivyaha, ngo muteko mukirīre ahantu hēra, kand’ ar’ icera cane, ar’ ico Uhoraho yabahaye ngo gitume mwishirakw ibigabitanyo vy’ikoraniro, ngo murihongerere imbere yiwe? 18#Lew 6:26, 30.Ehe rāba amaraso yaco kw atari yazanywe ahēra, nta cari kubabuza kukirya, ngo mukirīre ahantu hēra, nk’uko nageze. 19#Lew 9:15, 16; Yer 6:20; 14:12; Hos 9:4; Mal 1:10.Aroni yishura Mose, at’ Ereg’ uyu musi batanze ikimazi cabo gitangiwe ivyaha, bo n’ikimazi cabo co kwoswa, bakabitangira imbere y’Uhoraho; kand’ ehe rāba ayo nabonye: mbega non’ uyu musi iyo ndya ico kimazi catangiwe ivyaha, ivyo vyari kuba ari vyiza imbere y’Uhoraho? 20Mose avyumvise, arashirwa.

Currently Selected:

Abalewi 10: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in