Abalewi 13
13
Ivyagezwe vyo ku vy’imibembe
1Uhoraho abarira Mose na Aroni, 2#Gus 24:8.at’ Umuntu ni yagira igishundu, cank’ akagira ibintu bitongangiye, cank’ akagira ikibibi, ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba, ico kintu kigahinduka indwara y’imibembe aho nyene ku rukoba rwiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi, cank’ umwe wo muri bene Aroni abaherezi. 3Nuk’ uwo muherezi asuzume iyo ndwara iri ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba; maz’ ubgoya bg’aho hantu harwaye, ni yasanga bgahindutse bukēra, iyo ndwara igasa n’aho yinjiye imbere mu rukoba, iyo ndwara izoba ar’ iy’ imibembe: nuk’ uwo muherezi amusuzumye, avuge kw ahumanye. 4Na ho ni yasanga ico kibibi co ku mubiri wiwe cera, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba, n’ ubgoya bgaho butāhindutse ngo bgere, nuk’ uwo muherezi yugarane uwo murwayi kumara imisi ndwi. 5Ku musi ugira indwi uwo muherezi amusuzume; ni yasanga iyo ndwara itayegayeze, ngo yunguruze inyuma ku rukoba, uwo muherezi asubire amwugarane kumara iyindi misi ndwi. 6#Lew 11:25.Ku musi ugira indwi, yongere amusuzume; nuko ni yabona iyo ndwara irikw irazimangana, itunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw adahumanye: kizoba car’ igisekera; uwo muntu agende amesure impuzu ziwe, abe uwejejwe. 7Arikw amaze guheza kwiyereka umuherezi, akezwa, ico gisekera kikunguruza inyuma ku rukoba, aze yongere kwiyereka umuherezi. 8Uwo muherezi amusuzume, maze ni yabona ico gisekera cunguruje koko aho nyene inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ imibembe.
9Umuntu ni yafatwa n’indwara y’imibembe, az’ azanirwe umuherezi; 10#Guh 12:10, 12; 2 Abam 5:27; Mat 8:4; Luk 17:14.uwo muherezi amusuzume; maze ni haboneka ahashundashe, inyuma ku rukoba, hagatako hakēra, bigatuma ubgoya bgaho bgera, inyama zaho zikajējēta; 11izoba ar’ imibembe yamaze igihe kirekire mu rukoba rw’umubiri wiwe: uwo muherezi avuge kw ahumanye, ntarinde kumwugarana, kukw ahumanye. 12Arikw imibembe ni yasēsa ku mubiri, ikarangiza umubiri wose w’uwafashwe n’iyo ndwara, uhereye ku mutwe ugashitsa ku birenge, ah’ umuherezi ageza amaso hose; 13uwo muherezi amusuzume: maze ni yabona iyo mibembe imukwiye umubiri wose, az’ avuge yuk’ uyo yafashwe n’iyo ndwara adahumanye: umubiri wiwe ko wahindutse ukēra hose, ntahumanye. 14Ariko ni yaramuka agize ahamyotse, hakaba inyama zijega, azoba ahumanye. 15Umuherezi az’ ahasuzume, avuge kw ahumanye: izo nyama zijega n’uguhumana: n’imibembe. 16Na ho ahar’ izo nyama zijega, ni hasubira guhinduka, hakēra, asubire ku muherezi, 17na we amusuzume; maze ni yasanga aho hārwaye hahindutse, hakēra, uwo muherezi avuge ko yahumanutse: azoba atagihumanye.
18Umuntu ni yagira inkovu y’ahahora igihute inyuma ku rukoba, 19#Lew 13:24.maze muri nya nkovu hagashundaha hakabenjuka, canke hakaza ikibibi, hagatukura; haze herekwe umuherezi, 20na we ahasuzume, maze ni yasanga ico kintu gisa n’icinjiye imbere mu rukoba, ubgoya bgaho bgahindutse, bukēra, uwo muherezi az’ avuge kw ahumanye: izoba ar’ indwara y’imibembe, yaziye mu nkovu y’igihute. 21Arik’ umuherezi ni yahasuzuma, agasanga hatar’ ubgoya bgera, kandi kitinjiye imbere mu rukoba, ariko kiriko kirazimangana, uwo muherezi az’ amwugarane kumara imisi ndwi. 22Maze ni yasanga cunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ imibembe. 23#Lew 13:28.Arikw ico kibibi ni kitayegayega ngo cunguruze, kizoba ar’ inkovu ya ca gihute; umuherezi az’ avuge ko yeze.
24 #
Lew 13:19. Cank’ umuntu ni yagira ubushe ku mubiri wiwe, inyuma ku rukoba, inkovu yabgo igahinduka ikibibi, hagatukura canke hakabenjuka; 25umuherezi az’ ahasuzume; ni yasanga ubgoya bgo mur’ ico kibibi buhindutse, bukēra, kigasa n’icinjiye imbere mu rukoba, izoba ar’ imibembe yaziye muri bga bushe: nuk’ uwo muherezi avuge kw ahumanye; izoba ar’ indwara y’imibembe. 26Arik’ umuherezi ni yahasuzuma, agasanga ubgoya bgo mur’ ico kibibi butera, kandi kitinjiye imbere mu rukoba, ariko kiriko kirazimangana, uwo muherezi amwugarane kumara imisi ndwi. 27Ku musi ugira indwi, uwo muherezi amusuzume; maze ni yasanga cunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ indwara y’imibembe. 28#Lew 13:23.Arikw ico kibibi ni kitayegayega ngo cunguruze inyuma ku rukoba, kandi kikaba kiriko kirazimangana, hazoba haje igishundu kiziye muri bga bushe: uwo muherezi avuge ko yeze; izoba ar’ inkovu y’ubgo bushe.
29Kand’ umugabo cank’ umugore ni yafatwa n’indwara mu mutwe canke mu bganwa, 30umuherezi az’ asuzume iyo ndwara; ni yabona isa n’iyinjiye musi y’ urukoba, umushatsi waho ugacēkūka, ukaba intaragande; avuge kw ahumanye: kizoba ar’ igiturika c’imibembe ifatiye mu mutwe canke mu bganwa. 31Arik’ umuherezi ni yasuzuma iyo ndwara y’igiturika, agasanga isa n’ah’ itinjiye imbere mu rukoba, kandi hatar’ umushatsi wirabura, uwo muherezi yugarane uwafashwe n’ iyo ndwara y’igiturika kumara imisi ndwi. 32Ku musi ugira indwi umuherezi az’ asuzume iyo ndwara; maze ni yasanga ico giturika kitunguruje, hatar’ umushatsi ucēkūtse, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba, 33baheze bamumwe, arikw ah’ ico giturika kiri ntibahamwe; uwo muherezi asubire yugarane uwafashwe n’ico giturika iyindi misi ndwi. 34Ku musi ugira indwi uwo muherezi asuzume ico giturika: maze ni yasanga kitunguruje inyuma ku rukoba, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba, uwo muherezi avuge kw adahumanye: uwo muntu agende amesure impuzu ziwe, abe uwejejwe. 35Arikw amaze guheza kwitwa uweze, ico giturika kikunguruza inyuma ku rukoba, 36umuherezi aheze amusuzume; maze ni yasanga ico giturika cunguruje inyuma ku rukoba, ntiyirirwe aserangura umushatsi k’ucēkūtse: uyo azoba ahumanye. 37Na ho ku ruhande rwiwe ni yasanga ico giturika kitayegayeze, n’umushatsi wahameze wirabura; ico giturika kizoba gikize, uwo muntu azoba yeze: umuherezi avuge ko yeze.
38Kandi ni hagira umugabo cank’ umugore agira ibibibi ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba, ivyo bibibi bikēra; 39umuherezi az’ abisuzume: maze ni yasanga ivyo bibibi vyo ku mubiri wiwe vyeragurika gusa, bizoba ar’ amabara yadutse inyuma ku rukoba: uyo muntu azoba adahumanye.
40Kand’ umugabo ni yavunguka umushatsi, buzoba ar’ ubuhanza, ariko ntazoba ahumanye. 41Kandi ni yavunguka umushatsi wo mu gitwariro, azoba ar’ ubuhanza yatobotse mu gitwariro, ariko ntazoba ahumanye. 42Ariko ni haturika ibintu vy’indwara bitukura mu buhanza bgo mu gakomokomo canke mu bgo mu gitwariro; izoba ar’ imibembe yaje mur’ ubgo buhanza bgo mu gakomokomo canke mu bgo mu gitwariro. 43Nuk’ umuherezi az’ amusuzume: maze ni yasanga ico gishundu arwaye gitukura aho nyene mu buhanza bgo mu gakomokomo canke mu bgo mu gitwariro, igasa n’imibembe ir’ inyuma ku rukoba; 44uwo muntu azoba ar’ umunyamibembe, azoba ahumanye; umuherezi ntaz’ abure kuvuga kw ahumanye; iyo ndwara izoba yamufatiye mu mutwe.
45 #
Lew 10:6; Int 4:15; Ezk 24:17, 22; Mik 3:7. Kand’ umunyamibembe iy’ arwaye iyo ndwara, agende yambaye impuzu zitantamutse, ahamburuye umushatsi wiwe, yipfutse ku munwa, agende arasemerera, ati Ndahumanye, ndahumanye! 46#Guh 5:2; 12:14, 15; 2 Abam 7:3; 15:5; Luk 17:12.Imisi yose akirwaye iyo ndwara azoba ahumanye; mber’ azoba ar’ igihumane, abe ukwiwe: az’ abe hirya y’aho mushagaje.
47Kandi ni hagira umwambaro urikw indwara yo mu buryo bg’ imibembe, n’iyo woba wajishwe mu bgoya bg’intama, canke mu nyuzi zera derere; 48iyo ndwara igafata kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, ari mu nyuzi zera derere canke mu z’ubgoya bg’ intama; cank’ igafata ku rusāto, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto; 49iyo ndwara ikagomba gusa n’akatsi gatoto canke n’agahama, aho nyene ku mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke ku rusāto, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto; iyo ndwara izoba ar’ iyo mu buryo bg’ imibembe: ivyo vyerekwe umuherezi. 50Na we asuzume iyo ndwara, yugarane ico iriko kumara imisi ndwi. 51#Lew 14:44.Ku musi ugira indwi asubire asuzume iyo ndwara; maze ni yasanga iyo ndwara yunguruje kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke kur’ urwo rusāto, ico rwoba rukora cose; iyo ndwara izoba ar’ imibembe igenda irarya: ico kintu kizoba gihumanye. 52Aheze aturire uwo mwambaro, iyo ndwara namba yoba ifashe kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, ari mu nyuzi z’ubgoya bg’intama canke mu zera derere, canke namba yoba ifashe ku kintu cose cakozwe mu rusāto, kukw ar’ imibembe igenda irarya; ico kintu kize giturirwe. 53Arik’ uwo muherezi ni yasuzuma, akabona iyo ndwara itunguruje kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto; 54avuge ko bamesura ico iyo ndwara yafashe, aheze acugarane kumara iyindi misi ndwi. 55Maz’ ico kintu indwara yafashe, uwo muherezi az’ agisuzume, kimaze kumesurwa; nuko ni yasanga ah’ iyo ndwara yafashe hadahinduye ibara, kand’ iyo ndwara itunguruje, na ho nyene kizoba gihumanye; kize giturirwe: izoba ar’ iyo ndwara igenda irarya, naho coba kibaye inkūte imbere cank’ inyuma. 56Maz’ ico kintu indwara yafashe, uwo muherezi ni yagisuzuma, agasanga iyo ndwara irikw irazimangana, kimaze kumesurwa, aho hantu aheze ahatabure, ahakūre kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke kur’ urwo rusāto. 57Maz’ iyo ndwara ni yasubira kwubuka kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto, izoba igitwarije; ico kintu kirimw’ iyo ndwara kize giturirwe. 58Na ho iyo ndwara ni yaba yavuye mur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke mu kintu ic’ ari co cose cakozwe mu rusāto, cari caramesuwe, kize gisubire kumesurwa ubugira kabiri, kibe gihumanutse.
59Ico ni co cagezwe c’indwara yo mu buryo bg’imibembe ifashe umwambaro, ar’ uwajishwe mu bgoya bg’intama canke mu nyuzi zera derere, igafata kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto, ngo babone kuvuga ko gihumanye canke ko kidahumanye.
Currently Selected:
Abalewi 13: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967