Abalewi 15
15
Ivyagezwe vyo ku bihumanya biva mu mibiri y’abantu
1Uhoraho abarira Mose na Aroni, 2#Lew 22:4; Guh 5:2; 2 Sam 3:29.ati Mubarire Abisirayeli, mut’ Umugabo wese ni yagira igisokoro mu mubiri wiwe, azoba ahumanye kubg’ ico gisokoro ciwe. 3Uku ni kwo kuzoba guhumana kwiwe gutewe n’ico gisokoro ciwe: ni yaba agenda arajejeta cank’ azibiye, aba ahumanye. 4Uburiri bgose umunyagisokoro aryamyeko buzoba buhumanye, n’ikintu cose yicayeko kizoba gihumanye. 5#Lew 11:25; 17:15.Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 6Ūzokwicara ku kintu na kimwe umunyagisokoro yicayeko, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 7Ūzokora ku mubiri w’umunyagisokoro, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 8Kand’ umunyagisokoro ni yacira amate, agakorokera k’ūdahumanye, uyo az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 9Icicaro cose c’ikigenderwako umunyagisokoro azokwicarako kizoba gihumanye. 10Ūzokora ku kintu na kimwe cari musi yiwe, azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba; kand’ ūzoterura ivyo, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 11Kand’ umunyagisokoro ni yakora ku muntu adakaravye, uwo az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 12#Lew 6:28; 11:32, 33.Ikintu c’ikibumbano umunyagisokoro azokorako, kize kimenwe; na ho ni caba ikibazano, kize cunyugurishwe amazi.
13 #
Lew 14:9. Kand’ umunyagisokoro ni yagera guhumanurwa igisokoro ciwe, az’ aharūre imisi ndwi yo guhumanurwa, amesure impuzu ziwe; yiyuhagire mu mazi yavomwe mu mbizi, abone guhumanuka. 14#Lew 14:22, 23.Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abizane imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi; 15#Lew 14:30, 31.uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.
16 #
Gus 23:10, 11. Kand’ intanga z’umugabo ni zamuvamwo, aze yiyuhagire umubiri wose, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 17Kand’ umwambaro wose cank’ urusato rwose kirikw izo ntanga, kize kimesurwe, kize gikomeze kiba igihumanye gushitsa ku mugoroba. 18#1 Sam 21:4.Kand’ uwo mugabo ni yaramuka aryamanye n’umugore, bompi biyuhagire, bakomeze kuba abahumanye gushitsa ku mugoroba.
19Kand’ izinamukobga ni yaja mu mihango yiwe, az’ amare imisi ndwi mu miziro yiwe: ūzomukorako wese azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba. 20#Lew 15:4-10.Ikintu cose azoryamako akiri mu miziro yiwe kizoba gihumanye, n’ico azokwicarako cose kizoba gihumanye. 21Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 22Ūzokora ku kintu na kimwe yicayeko, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 23Uhereye ku buriri bgiwe, canke ku kintu cose yicayeko, ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba. 24#Lew 18:19.Kandi ni hagira umugabo aryamana na we, imiziro yiwe ikamwanduza, uwo mugabo azoba ahumanye kumara imisi ndwi: uburiri bgose azoryamako buzoba buhumanye.
25 #
Mat 9:20. Umukobga cank’ umugore ni yamara imisi myinshi ari mu mihango yiwe mu gihe kitari co, canke ni yarenza imisi yiwe, imisi yose azomara mu miziro, az’ abe nk’uko yahora ari mu miziro yiwe; azoba ahumanye. 26Uburiri bgose azoryamako mu misi yose yo guhumana kwiwe, buze bumubere nk’ubgo yaryamyeko mu misi y’imiziro yiwe; n’ikintu cose azokwicarako kizoba gihumanye nk’icari gisanzwe gihumanywa n’ iy’ ari mu miziro. 27Ūkoze kuri vyo wese azoba ahumanye; az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 28#Lew 15:13-15.Ariko ni yaramuka ageze guhumanurwa ubgo buhumane bgamuvuyemwo, az’ aharūre imisi ndwi, hanyuma abone guhumanuka. 29Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abishīre umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro; 30uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ ubuhumane bgiwe.
31 #
Guh 5:3; 19:13, 20; Ezk 5:11; 23:38; 1 Kor 3:16, 17. Uko ni ko muzotandukanya Abisirayeli n’ubuhumane bgabo, kugira ngo boye gupfa bahōwe ubuhumane bgabo bgo kwanduza ihema ryanje riri hagati muri bo.
32Ivyo ni vyo vyagezwe vy’ umunyagisokoro, n’ivy’ ūvubgamwo n’intanga ziwe, bikamuhumanya; 33n’ivy’ umukobga cank’ umugore arwaye ubutinyanka, n’ ivy’ ūvubgamwo n’ibimuhumanya wese, ar’ umugabo ar’ umugore, n’ivy’ umugabo arāranye n’umugore ahumanye.
Currently Selected:
Abalewi 15: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967