Abalewi 3
3
Ivy’ ibimazi vy’ishimwe
1 #
Lew 7:11-21, 29-34; 17:5; 22:21. Kand’ ishikanwa ry’umuntu ni ryaba ar’ ikimazi c’ishimwe akūye mu busho, ar’ imasa cank’ inyana, az’ agitange kitagira agasembga imbere yanje. 2Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere ku muryango w’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni abaherezi baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose. 3#Kuv 29:13.Maz’ ico kimazi ciwe c’ishimwe agikūrekw ishikanwa anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara, 4n’amafyigo yompi, n’ ibinure bihometse kuri yo, ahahereranye n’umurya, n’agashami gatoya k’igitigu, agakūrane n’ amafyigo. 5#Lew 6:12.Bene Aroni baheze bavyosereze ku gicaniro, babigeretse ku kimazi coswa kiri ku nkwi ziri ku muriro: ivyo bizoba ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.
6Kand’ ishikanwa ryiwe ry’ ikimazi c’ishimwe anshikaniye, ni caba ar’ ico akūye mu mukuku, ar’ isuguru cank’ ishashi, az’ agitange kitagira agasembga. 7Ni yatanga umwana w’intama kw ishikanwa ryiwe, az’ awuzane imbere yanje. 8Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose. 9Maz’ ico kimazi ciwe c’ishimwe agikūrekw ishikanwa anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe ibinure vy’uwo mwana w’intama; umurizo wawo uko wagahometsekw ibinure, az’ awucire mu nguge udasonōye, n’urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara, 10n’amafyigo yompi, n’ ibinure bihometse kuri yo, ahahereranye n’umurya, n’agashami gatoya k’igitigu, agakūrane n’ amafyigo. 11#Lew 21:6, 8; Guh 28:2; Ezk 44:7; Mal 1:7, 12.Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa nshikaniwe jewe Uhoraho, zitōngōrwa n’umuriro.
12Kandi ni yatanga impene kw ishikanwa ryiwe, az’ ayizane imbere yanje. 13Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yayo ku gicaniro impande zose. 14Maz’ ayikūrekw ishikanwa ryiwe anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara, 15n’amafyigo yompi, n’ibinure bihometse kuri yo, ahahereranye n’ umurya, n’agashami gatoya k’ igitigu, agakūrane n’amafyigo. 16#Lew 7:23-25; 1 Sam 2:15.Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje. 17#Ita 9:4; Lew 7:26; 17:10-14; Gus 12:23, 24; 1 Sam 14:33; Ivyak 15:20.Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.#3:17 Ubuseri: mu Giheburayo handitswe ngw Amaraso: iryo zina ripoperanije ubuseri n’ikiremve.
Currently Selected:
Abalewi 3: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967