Bible App logo
Search Icon

Abalewi 8

8
Aroni n’abana biwe barobanurirwa ubuherezi
1Uhoraho abarira Mose, 2#Kuv 28:2-4; 29:1, 2; 30:25.ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe; 3uheze ukoranirize ikoraniro ryose ku muryango w’ihema ry’ibonaniro. 4Nuko Mose agenza nk’uk’ Uhoraho yamubariye; iryo koraniro rikoranira ku muryango w’ihema ry’ ibonaniro.
5 # Kuv 29:4. Mose abarira iryo koraniro, at’ Ibi ni vyo Uhoraho yageze ko bikorwa. 6Mose araheza azana Aroni n’abana biwe, arabuhagira. 7#Kuv 28:4.Yambika Aroni ya kanzo, amukenyeza wa mukanda, amwambika na wa mwinjiro, amushirako na efodi, amukenyeza na wa musipi wa efodi ujishwe n’ abahinga, awuyifatishiriza kuri we; 8#Kuv 28:30.amwambika na wa mupfuko mu gikiriza, mur’ uwo mupfuko ashiramwo Urimu na Tumimu. 9#Kuv 28:36, 37; 29:6.Amwambika na ca gitambara mu mutwe; imbere kur’ ico gitambara agishirako ka kabāte k’izahabu, ari co gitsibo cera; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.
10 # Kuv 30:26-29. Mose araheza yābīra ya mavuta yo kurobanuza, ayarobanuza rya hema bo n’ibirimwo vyose, aravyeza. 11Ayacucagira ku gicaniro ibihetangabo ndwi, arayakirobanuza bo n’ibintu vyaco vyose, bo n’ikigārigāri co gukaraba n’intebe yaco, ngw avyeze. 12#Kuv 29:7; Lew 21:10, 12.Maz’ ayo mavuta yo kurobanuza abahabga ibango ayasuka ku mutwe wa Aroni, aramurobanura, aramweza. 13#Kuv 29:8, 9.Mose araheza azana bene Aroni, abambika amakanzo, abakenyeza imikanda, abapfundika n’udukofero; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.
14 # Kuv 29:10; Lew 4:4; 8:2. Araheza azana ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga. 15#Kuv 29:11, 12; Lew 4:7; Ezk 43:20, 26.Mose arayikerera, yābīra amaraso yayo, ayasīgisha urutoke ku mahembe y’igicaniro impande zose, aragihumanura, araheza avyagiza ayo maraso hasi hambavu y’igicaniro, acezesha kugitangira impongano. 16#Kuv 29:13; Lew 4:8-10.Yābīra urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ibinure vyo kuri yo, avyosereza ku gicaniro. 17#Kuv 29:14; Lew 4:11, 12.Arikw ivy’ iyo masa, urusato rwayo n’inyama zayo n’amayezi yayo abituririra inyuma y’aho bashagaje, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.
18 # Kuv 29:15; Lew 8:2. Araheza azana impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa; Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga. 19#Kuv 29:16-18; Lew 1:5-9.Mose arayikerera, amijagira amaraso yayo ku gicaniro impande zose. 20Arayijanjagura, ayishira mu bikenye vyayo; yōsa umutwe wayo, n’ibindi bice vyayo, n’ ibinure vyayo. 21Amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru arabironga; nukw ivy’ iyo mpfizi y’intama vyose iyo biva bikagera Mose avyosereza ku gicaniro, kuba ikimazi coshejwe, umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho gitōngōwe n’umuriro; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.
22 # Kuv 29:19; Lew 8:2. Araheza azana ya mpfizi y’intama yindi, ari yo yo kubinjiza mw ibango, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga. 23#Kuv 29:20; Lew 14:14.Maze Mose arayikerera, yābīra ku maraso yayo, ayakoza ku gutwi kw’i buryo kwa Aroni ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo. 24Atakw azana bene Aroni, na bo nyene akoza amaraso ku matwi yabo y’i buryo ahahera hejuru, no ku bikumu vyabo vy’i buryo, no ku mano yabo manini y’i buryo: ayandi maraso ayamijagira ku gicaniro impande zose. 25#Kuv 29:22.Maze yābīra ibinure vyayo, n’umurizo wayo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ibinure vyo kuri yo, n’igikenye c’ukuguru kwayo kw’i buryo. 26#Kuv 29:23.Kandi muri ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe iteretse imbere y’Uhoraho, akūramw’ umutsima umwe, n’agatsima kamwe kācumbanywe n’amavuta ya elayo, n’akandi kamwe kabēhūye, ayishira kur’ ivyo binure no kur’ ico gikenye c’ ukuguru kw’i buryo. 27#Kuv 29:24.Ivyo vyose abishira ku mashi ya Aroni no ku y’abana biwe, ngo babizunguze kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho. 28#Kuv 29:25.Mose araheza abikūra ku mashi yabo, avyosereza ku gicaniro, abigeretse kuri ca kimazi coshejwe; biba ivyo kubinjiza mw ibango, vy’umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho kigatōngōrwa n’umuriro. 29#Kuv 29:26.Maze Mose yābīra inkoro, arayizunguza ngw ibe ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho: uwo war’ umwanya wa Mose wo kur’ iyo mpfizi y’intama yo kubinjiza mw ibango, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.
30 # Kuv 29:21; 30:30. Maze Mose yābīra kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, no ku maraso yari ku gicaniro, abicucagira kuri Aroni no ku myambaro yiwe, no ku bana biwe no ku myambaro yabo; yeza Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo.
31 # Kuv 29:31, 32; Ezk 46:20. Maze Mose abarira Aroni n’abana biwe, ati Muteke za nyama ku muryango w’ihema ry’ ibonaniro; abe ari ho muzirīra, hamwe na ya mitsima iri mu ndumane yo kubinjiza mw ibango; nk’uko navuze, nti Aroni n’abana biwe babe ari bo babirya. 32#Kuv 29:34.Ibisigara kur’ izo nyama no kur’ iyo mitsima mubiturire. 33#Kuv 29:35.Ntimuze mutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kumara imisi ndwi, gushitsa ah’ imisi yanyu yo gushikirizwa iryo bango izoshirira: kuko muzomara imisi ndwi murishikirizwa. 34Uko bikozwe uyu musi, ni k’Uhoraho yageze ko bizokorwa mu kubatangira impongano. 35#Guh 9:19.Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe. 36Nuko Aroni n’abana biwe babikora vyose, uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.

Currently Selected:

Abalewi 8: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in