Abalewi 9
9
Aroni atangura igikorwa c’ubuherezi
1 #
Ezk 43:27. Maze ku musi ugira umunani, Mose ahamagara Aroni n’ abana biwe n’abakuru bo mu Bisirayeli; 2#Lew 1:10; 4:3.abarira Aroni, ati Jana ishuri y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’ impfizi y’intama y’ikimazi co kwoswa, bitagira agasembga, ubitange ur’ imbere y’Uhoraho. 3#Lew 1:3, 10; 4:23.Kandi barira Abisirayeli, uti Ni mujane isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bo n’imasa n’umwana w’intama, vyompi bimaze umwaka, kandi bitagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa; 4#Kuv 29:43; Lew 2:4; 3:1, 6.n’impfizi y’inka n’impfizi y’intama kw ikimazi c’ishimwe, vyo gukererera imbere y’Uhoraho; bo n’ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo; kuk’ uyu musi Uhoraho agira abiyereke.
5Nuko bazana ivyo Mose yageze imbere y’ihema ry’ibonaniro; ikoraniro ryose ryīgira hafi, rihagarara imbere yo Uhoraho. 6Mose aravuga, at’ Ibi ni vyo Uhoraho yageze ko mukora, maz’ ubgiza bg’ Uhoraho burababonekera. 7#Lew 4:16, 20; Heb 5:1-3.Maze Mose abarira Aroni, at’ Egera igicaniro, witangire ikimazi c’ ivyaha, n’ico kwoswa, wihongere, uhongere n’abantu; utange n’ibimazi vy’abantu, ubahongere, nk’uk’ Uhoraho yageze.
8Nuko Aroni yegera igicaniro, akerera iyo shuri yitangiriye kw ikimazi c’ivyaha. 9#Lew 4:6, 7; 8:15.Abana biwe bamuhēreza amaraso, ayajōbekamw’ urutoke, ayasīga ku mahembe y’igicaniro, ayandi ayavyagiza hasi hambavu y’igicaniro: 10#Lew 4:8-10; 8:16.arikw ibinure, n’amafyigo, n’agashami gatoya k’igitigu vy’ico kimazi gitangiwe ivyaha, avyosereza ku gicaniro, nk’uk’ Uhoraho yari yarageze Mose. 11#Lew 4:11, 12; 8:17.Maz’ inyama zaco n’urusāto abituririra inyuma y’aho bashagaje.
12 #
Lew 1:5; 8:19. Araheza akerera ikimazi co kwoswa; abana biwe bamuhēreza amaraso, ayamijagira ku gicaniro impande zose. 13#Lew 1:6; 8:20.Maze bamuhēreza ivy’ ico kimazi, bamuha ibice vyaco kimwe‐kimwe bo n’ umutwe waco, avyosereza ku gicaniro. 14#Lew 8:21; 1:9.Aronga amara yaco, n’ibikenye vy’amaguru, aravyosa, abigeretse ku vy’ico kimazi coshejwe kiri ku gicaniro.
15 #
Lew 6:25; 9:3, 7, 8. Maz’ azana ibimazi abantu batanze; yābīra impene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, arayikerera, ayitanga kubg’ ivyaha, nk’uko yatanze ca kimazi ca mbere. 16#Lew 1:3, 10.Azana n’ikimazi co kwoswa, agitanga nk’uko vyagezwe. 17#Kuv 29:38, 39; Lew 2:1, 2.Azana n’ishikanwa ry’ ifu, ayikamatak’ urushi rumwe, ayosereza ku gicaniro, ayongeye ku kimazi coshejwe co mu gitondo.
18 #
Lew 3:1, 6; 9:4. Kand’ akerera ya mpfizi y’inka na ya mpfizi y’intama kw ikimazi c’ishimwe gitangiwe abantu; abana biwe bamuhēreza amaraso, ayamijagira ku gicaniro impande zose; 19#Lew 3:3, 9.bamuhēreza ibinure vy’iyo mpfizi, n’ivy’ iyo mpfizi y’intama, n’umurizo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda, n’amafyigo, n’udushami dutoya tw’ibitigu; 20#Lew 3:5, 11.bafasha ivyo binure ku nkoro z’ivyo bimazi; araheza yosereza ivyo binure ku gicaniro, 21#Kuv 29:24, 26.izo nkoro, bo n’ibikenye vy’amaguru y’i buryo, Aroni arabizunguza, kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’ Uhoraho, nk’uko Mose yageze.
22 #
Guh 6:23-27; Gus 21:5; Luk 24:50. Maze Aroni aterura amaboko, atumbereye abantu, arabahezagira; araheza arururuka, ava aho yatangiye ca kimazi catangiwe ivyaha, na ca kimazi coshejwe, na ca kimazi c’ishimwe. 23#Kuv 29:43; Lew 9:4, 6.Maze Mose na Aroni binjira mw ihema ry’ ibonaniro, baraheza barasohoka, bahezagira abantu; maz’ ubgiza bg’Uhoraho bubonekera abantu bose. 24#Abac 6:21; 1 Abam 18:38, 39; 1 Ngo 21:26; Ezr 3:11.Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.
Currently Selected:
Abalewi 9: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967